CNARED ntizokwitaba ibiganiro vyatumweko i Arusha

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 16 Munyonyo 2017 saa 09:34
26970
0 0

Umuhuza mu biganiro vy’Abarundi bibera i Arusha muri Tanzaniya aheruka gusohora ubutumire bw’ibiganiro bishobora kuba ari ibabaye ku ncuro ya nyuma bibereye hanze y’Uburundi. Mu runani CNARED ruhurikiyemwo abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA bavuga ko bazotwitaba ivyo biganiro bizotangura kw’igenekerezo rya 26 Munyonyo gushika kurya 8 Kigarama 2017.

Itangazo ryasohowe n’urunani CNARED rivuga ko abo batavuga rumwe n’ubutegetsi bamaze kumenya ivyo biganiro vyatumweko bishobora kuba ari ivya nyuma, kuko bizoca bitahukanwa kubandaniriza mu Burundi. Muri CNARED bemeza ko batazokwitaba ivyo biganiro, aho akaba ari mu gihe bataranahabwa ubutumire, nk’uko vyemezwa na Pancrace CIMPAYE, umuvugizi wa CNARED.

JPEG - 308.2 ko
Pancrace CIMPAYE, umuvugizi wa CNARED

Kubwa CNARED, ivyo biganiro vyatumweko i Arusha ni ibije gusenyura burundu amasezerano y’i Arusha, kuko bibaye mu gihe na Reta y’Uburundi yaheruka gufata ingingo y’ugusubiramwo ibwirizwa shingiro.

Pancrace CIMPAYE umuvugizi wa CNARED asaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya, ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, Afrika y’ubuseruko, ko batoshigikira itunganwa mu vy’uburyo, ry’ivyo biganiro muri CNARED bavuga ko bikumira.


Kumenyekanisha

1
Kirikumutima 21-11-2017 à 15:05

Ewe Pancrace sha, urambabaje. Aho gutaha i wanyu i Bubanza ukaza kurima , uriko urayenzera inyuma yúwo mu ny Bururi, ataco acera. Uyo azopfa kurya kwa Mukansi, apfuye ayenzera nka nyamyoma kuko ataco acera. Rekana na ba Minani Jean naho mwakoranye. i un escroc , none raba urwo apfuye kubera inda yiwe idahaga. Nta numwe kuri iyi si batakoranye , ariko kubera inda ndende ariko arayenzera. Mbe warabone uwanka kurya kuvyo adahawe? Mbega babatumiye? Haya, tosheka na haya we mbote

2
Keza Gislene 20-11-2017 à 11:10

Yokwitaba gute kandi nogutumirwa atatumiwe.
Yihenze ntawitaba aho atatumiwe.
Pole sana!

3
mazinayanje 16-11-2017 à 12:06

Mbe nka Pancras kuva aho yangariye adashika canke ngo ashikire ivyo yifuza, iyaba yaratashe akarima ibijumbu aba amaze kwimbura ibingana gute aho kwirirwa ariruka inyuma y’ivyo adashobora gufata?

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha