Accueil > Amakuru > u Burundi > CNC yashimishijwe n’itahuka rya Sylvestre NTIBANTUNGANYA
CNC yashimishijwe n’itahuka rya Sylvestre NTIBANTUNGANYA
mercredi 14 Kigarama 2016, par
Umurwi w’igihugu ujejwe kugenzura itangazamakuru mu Burundi yasohoye itangazo kuri uwu wa kabiri, aho wamenyesheje ko washimishijwe n’itahuka mu gihugu rya Sylvestre NTIBANTUNGANYA yahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi, akaba yahora ari n’umumenyeshamakuru ku nsamirizi nkuru y’igihugu c’Uburundi.
Gabriel BIHUMUGANI, icegera c’umukuru wa CNC (Conseil National de la Communication), akaba n’umuvugizi w’uwo murwi, yashikirije muri iryo tangazo ko bakiriye Sylvestre NTIBANTUNGANYA, bakamusaba ko yofasha mu gutanga isanamu nziza y’Uburundi, hamwe n’iy’itangazamakuru.

Kubw’iryo tangazo rya CNC, itahuka mu Burundi ry’uwo yahora yahungiye mu Bubirigi kuva mu mwaka w’2015, ni iyishurwa ku kamo katewe n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, aho yasavye Abarundi bahunze ko bogaruka mu gihugu c’amavukiro yabo.
IGIHE
Messages
14 Kigarama 2016, 13:58, par miruho
ehe ngwarasongoru munwa nka mushushwe ico kigu gu yibagiye ivyo Buyoya yamukoreye nyumangwagiye kwifatanyanawe, nihobavuze kweri,none koyagiye gucafuza umukuru wigihugu cacu nyakubahwa nkurunziza none agarutse kumariki.? ico kimaramare?muramucunga afisibimazanye .
14 Kigarama 2016, 17:26, par FELIX MUHIRE
Nanje biranshimishije
14 Kigarama 2016, 21:03, par NDIKUMANA charles
Nukuri ntawobura kubishima.kandi nabo kwakigwa.mubafate nkawamwana w’icangazi yiyumvira kugaruka murugo .
14 Kigarama 2016, 21:04, par Hahaha
Hahahaha, bari bagiye mu Bubirigi ngo nibwo buzobaha igihugu none babonye ko bidakunda.
Ya genocide bahaya na Ntibantunganya arimwo yabonye ko atakiyikamishije none igisigaye ni ugutaha. Marateye isoni n’agahinda. Buyoya, Kagame, Louis Michel barabasutse. Mbega ubwenge buke! Uzoba igikoresho c’abansi b’Uburundi gushika ryari?
14 Kigarama 2016, 21:26, par Aimable Muhimpundu
Turashimye Kw’itahuka Ry’uwo Nyakwubahwa Yahoze Arongoye Igihugu C’uburundi,abere Akarorero Keza Abandi.
14 Kigarama 2016, 22:16, par Jean Marie
Birahimbaye Kugihug C’uburundi!
14 Kigarama 2016, 22:27, par P. ANTOINE
ABARUNDI DKUNDIGIHUGU CACU TURAMUHAYE IKAZE
15 Kigarama 2016, 09:32, par Aferky
Emwe inda nimbi, Ntiba kweli aratanguye gukina politique ya cache cache. Ni lona. Nje ngaha, nivyanga ngaruke harya, none mumajambo yiwe yoba ahagaze he? Arutwa na Rwasa.
15 Kigarama 2016, 15:38, par amada marimare
karibu gutahuka muvukanyi nivyiza gose gutahamuhira nihubona nivyowomva ukanavyibonera.mbe namw mwarikebuts?twetahasigaye?.demokratsi nukubisikanya ariko kumego namatogo yabadata ikiriho niwibe hanyuma ubisebandi twibereho abene gihugu
16 Kigarama 2016, 09:01, par Nzeyimana
Ewe miruho, izina niryo muntu, uzopfana imiruho kumutwe nomumugongo uzorinduja murizone gataka!. Uwo yatashe mumukerere nkuko mwirirwa murakerera abandi, urahumiwe nukuri, nimba wakwibaza kwatazogaruka yagarutse, kandi bisubiye aragumba nkukwinka isumbi mpene.