IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > CNDD-FDD ufise impungenge ku batumiwe mu biganiro baronderwa (...)

CNDD-FDD ufise impungenge ku batumiwe mu biganiro baronderwa n’ubutungane

mercredi 15 Ruhuhuma 2017

Umugambwe CNDD-FDD umenyesha ko uzokwitaba ibiganiro bitegekanijwe i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya ,kuva ku magenekerezo ya 16 gushika kurya 18 Ruhuhuma,umwaka wa 2017.

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD Evariste NDAYISHIMIYE amenyesha ko azokwitaba ibiganiro, ariko ko afise impungenge ko hari abatumiwe mu biganiro kandi baronderwa n’ubutungane.

Evariste NDAYISHIMIYE avuga ko azoba agiye kandi gusaba ko abarundi bahunze botahuka kugira bafatanye n’abandi mu bikorwa vyo kwubaka igihugu.

Kubwa Evariste NDAYISHIMIYE umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD,kuja i Arusha kazoba n’akaryo ko gusaba ibihugu birimwo abakurikiranwa n’ubutungane kubarungika kugira bashikanwe imbere y’ubutungane.


IGIHE

Messages

  • NDAYISHIMIYE WEWE ukwo tuvyita kwidigadiga, mbe komwirirwa muratikiza inganda inganda ijoro numurango mufatanije nacagi porisi cataye umurongo, hamwe nazambonerakure mwirirwa murahenda ngo bazobaho aruko bishabantu! mbe komucidegevya mutarafatwa?, namwe muronderwa namakungu ngo muzokwishure ibibi mwakoreye abenuburundi. Ngusabe uzofate icirore wirabe mumaso yawe huzuyemwo amaraso yabantu umaze kugandagura, ariko rindira rwimisi yumwicanyi rwiraharuye.

  • Erega abambere murondegwa n’ubutungane ni mwebwe les DD,kandi si kera,fimbo chapa

  • Mb ndayishimiy koyiha ivyazoshikiriza niw azoba arongoy ibiganiro?burakey tubih abagabo

  • Ewe jewe!burya igihe mwagirana amasezerano na president buyoya ntabutungane bwabakurikirana?uwukize isemu yibagira icayimuteye!

  • Ndagushimiye nyakwubahwa munyamabanga mukuru WA DD , nayo izo mujeri zatanguye kwandika ivyiyumviro vyazo ngaha kwiyinkuru zireke zikomeze zibwezagire nizashaka zirazogumayo iyozagiye ariko ndaziko abarundi beshi bahunze biteguye gutaha.

  • Eeeeeh!Ubutungane?Hehe?Mu Burundi.Je Verrai!

  • abarundi mur’intagondwa wa mugani wanyu,ubundi se kumvikana mugaturana mu mahoro bibatway’iki?iyo ndeby’umujinya mugira kdi mur’abayobozi mbona muzatwik’igihugu cyanyu mumeze nk’aba Somalie,muzemere ko Buyoya yar’imfura kuko yemeye kureka Nkurunziza n’ubwo yari yarakatiwe n’inkiko urwo gupfa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.