Incamake

Cankuzo : Amazu menshi n’imirima vyononywe n’urubura n’umuyaga

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 9 janvier 2018 saa 10:03
13740
0 0

Amazu n’imirima itari mike nivyo vyononekaye inyuma y’imvura irimwo urubura n’umuyaga yaguye ku muhingamo wo kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 8 Nzero 2018, ku murwa mukuru w’intara ya Cankuzo no mu micungararo yaho.

Amakuru ava aho mu Cankuzo amenyesha ko iyo mvura yatanguye kurwa nk’igihe c’isaha umunani, itaguye umwanya munini, ariko yatumye amazu yo mu makaritiye yo ku murwa mukuru w’intara ya Cankuzo nka Amsar, Ndava n’ahandi ariho ibintu vyononekaye cane.

Ayo makuru amenyesha ko amazu amwe yabomotse ayandi ibisakazo vyayo bigururwa n’umuyaga, mu gihe imirima y’ibigori n’ibiharage nayo yononekaye bivuye ku muyaga n’urwo rubura.

Abanyagihugu bo ku murwa mukuru w’intara ya Cankuzo bavuga ko ubuzima butagiye kworoha, kuko uburaro bwononekaye n’ibiterwa bikononekara.

Basaba ababishoboye kubagarukirako, kugira barabe ko bokwiyungunganya ubuzima bugasubira kubandanya naho bitoroshe.


Kumenyekanisha

1
Sindaruhuka Fabien 10-01-2018 à 22:12

Turahojeje Benewacu Bari Mucankuzo Bahuye Nivyo Vyago Vyu Rubura

2
victoir 9-01-2018 à 16:37

ABO BENEWACU NUKUBAFASHA URWO RUBURA RURATEYUBWOBA NIMBA ATAMUNTU YAPFUYE HAAAA NIKIBAZO PE

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha