Accueil > Kwidagadura > "Cédric Bangy ntiyari guhiganwa n’abagitangura umwuga"
"Cédric Bangy ntiyari guhiganwa n’abagitangura umwuga"
lundi 28 Myandagaro 2017, par
Inyuma yo gutorwa mu ntara baserukira, muri cumi na batandatu, bane ba mbere muribo baratowe. Abo batowe inyuma y’igikorwa c’umurwi wari ujejwe ico gikorwa. Uwo murwi wari ugizwe na Musenyeri Justin Baransananikiye, Merchiade Nkeshimana, Yvette, Ngabo Léonce, hamwe na Reverien. Inyuma y’ico gikorwa, abatsinze ni aba bakurikira :
1. Mu gisata c’ibidukikije
Ndayisaba Léonard
Cédric Bangy
2. Mu gusata c’iterambere
Niyukuri Bruyère
Christelle Ininahazwe
3. Mu gisata c’amagara y’abantu
Umurwi Imboneza
Bigirimana Ahmad
4. Mu gisata c’agateka ka zinamuntu
Umurwi Buhonga Boyz
Epimac Ndagiwenayo.
Mbega abo batsinze bahawe iki?
Uwa mbere mu gisata cose muri ivyo bine yahawe ibaha y’umuriyoni w’amarundi hamwe n’imboneshakuru y’ubuhinga bwa none (Écran Plat).
Aba kabiri nabo bahawe ibaha y’ibihumbi amajana atanu y’amarundi(500.000), uwa gatatu ahabwa ibahasha ry’ibihumbi amajana atatu (300.000), hamwe n’ibihumbi amajana abiri vyahawe uwa kane.

Nk’uko bivugwa na bamwe mu bari mu giteramo, baraneguye cane umuririmvyi amaze imyaka n’imyaka azwi mu Burundi ariko akemererwa guhiganwa n’abandi kandi intumbero nyamukuru y’ihiganwa kwari kurondera impano z’abaririmvyi bashasha. Uwo adomwako urutoki ni Cédric Bangy yoba amaze imyaka yababa mirongo itatu akora uwo mwuga, akaba ariwe yatahukanye ikibanza ca kabiri mu gisata c’ibidukikije.
Akandi gahonzi kavugwa n’abitabiriye ihiganwa ry’igice ca nyuma, n’uko ata bantu benshi baryitabiriye kubera iryo higanwa ritavuzwe cane.
Tubibutse ko igiteramo gisozera iryo higanwa caremeshejwe na Rally Joe, Fizzo, Natacha, BFace hamwe n’umurwi wa Peace &Love.
Cherif NKESHIMANA