Cibitoke : Umugabo yafatanywe amenyo y’intare n’iyindi miti

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 8 février 2018 saa 10:26
20715
0 0

Umugabo azwi kw’izina rya Frédéric BADEDE yarahagaritswe n’igiporisi kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 7 Ruhuhuma 2018, ku mutumba Gitukura, wa komine Mabayi, intara ya Cibitoki.

Amakuru ava i Mabayi, amenyesha ko Frédéric BADEDE yahagaritswe mu gihe yari afise amenyo y’intare , urumogi hamwe n’iyindi miti myinshi.

Abajejwe intwaro aho muri komine Mabayi bavuga ko Frédéric BADEDE yari asanzwe ari ku rutonde rw’abantu bategerezwa kwicwa bagirizwa uburozi, ariko igiporisi kikaba caciye kimuhungisha n’umuryango wiwe kimujana ku gasho k’i Mabayi.

Musitanteri wa komine Mabayi ahamagarira abanyagihugu kutihanira, ahubwo ko mu gihe cose biketse umuntu boca babimenyesha abajejwe umutekano.


Kumenyekanisha

1
omary 31-07-2018 à 04:22

Abaporisi bavyitwayemwo neza Iyab bose bamez nkabo igihug cotekanye.

2
omary 31-07-2018 à 04:11

Abobaporisi Bavyitwayemwo neza iya bose bafita umutima nkuwo igihu co teye imbere imana niyo musobora vyos .

3
nteturuye emanwer 9-02-2018 à 07:55

Abobaporisi bavyitwayemwoneza yababosebakorankabo igihugucobayeciza

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha