IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Muri Afrika > Congo-Brazaville: Umu jenerari yahagaritswe n’igiporisi

Congo-Brazaville: Umu jenerari yahagaritswe n’igiporisi

Friday 12 January 2018, by Jean De Dieu

Mu makuru dukesha ikinyamakuru RFI, Generari Norbert Dabira amaze amajoro 2 afungiwe mu giporisi. Ku myaka 69, Norbert Dabira yahoze arongoye ibiro bikuru vy’igisirikare, n’igisata kijejwe gusubiza mu zabo abahoze ku rugamba, ubu akaba arongoye ikinyamakuru Digital Radio Télévision yafashwe yagirizwa gushaka gutembegaza ubutegetsi bwa mugenzi we Sassou Nguesso.

Itabwa mu mvuto rya Norbert Dabira rikaba rikurikiranye n’ikombogwa ry’uwundi mu jenerari Nianga Ngatsé Mbouala arongoye ingabo zicungera abategetsi, akaba yasubirijwe n’icegera ciwe.Ikombogwa n’ifungwa ry’abo ba Jenerari abenshi bakikeka ko bifitaniye isano.

Norbert Dabira yiyongereye ku bandi bategetsi bari mu mvuto nka Jenerari Jean-Marie Michel Mokoko, n’uwahoze ari umushikiranganji André Okombi Salissa, bose bigeze kuba bitoza mu matora ya 2016.


Pacifique BUKURU

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.