IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Cote d’Ivoire: Guillaume Soro yatowe kurongora inama nshingamateka

Cote d’Ivoire: Guillaume Soro yatowe kurongora inama nshingamateka

mardi 10 Nzero 2017

Abashingamateka mu gihugu ca Cote d’Ivoire basubiye gutora Guillaume Soro ngo arongore inama nshingamateka mu kiringo ca kabiri kizomara imyaka ine.

Guillaume Soro yatowe n’abashingamateka 230 ku bashingamateka 252 batoye,ni ukuvuga ku bice 95,04 kw’ijana,mu gihe uwo bahiganwa Evariste Méambly yatowe ku majwi 12 gusa.

Pascal Affi N’Guessan umukuru w’umugambwe ,FPI (Front populaire ivoirien) utavuga rumwe na Reta ya Cote d’Ivoire yavuze ko kuba Guillaume Soro yatowe ata gitangaza kirimwo kuko inama nshingamateka yiganjemwo abari mu mugambwe akomokamwo ,kandi uri ku butegetsi.

Pascal Affi N’Guessan yavuze ko naho ivyo vyabaye bitababuza kwitaba ibikorwa vy’inama nshingamateka no guterera mu biganiro bishingiye ku ntwario rusangi.

Mw’ijambo ryiwe ahejeje gutorwa, Guillaume Soro yibukije akamaro ko gukomeza ubumwe mu nama nshingamateka,aca amenyesha ko agiye gukora ibishoboka kugira urwego rw’inama nshingamateka rube urwugururiwe abanyagihugu.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.