IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Cuba: Imyaka 50 iraheze Ernesto Che Guevara yitavye Imana

Cuba: Imyaka 50 iraheze Ernesto Che Guevara yitavye Imana

lundi 9 Gitugutu 2017

Hari kw’igenekerezo rya 9 Gitugutu umwaka w’1967 mu gisagara ca Huguela mu gihugu ca Boliviya aho Che Guevara yitaba Imana.

Che Guevara yavukiye mu gihugu ca Argentine mu gisagara ca Rosalio kw’igenekerezo rya 14 Ruheshi,umwaka w’1928. Che Guevara ari mu barondeye ko ibijanye n’uburyo bwo gutwara bihinduka mu gihugu ca Cuba, agerageze mbere no kubishikana mu bindi bihugu.

Mu gihe yiga mu gisata c’ubuganga,niho yaronse akaryo ko gutembera mu bihugu vya Amerika y’Ubumanuko aho yasanze abantu baho bugarijwe n’ubukene buvuye ku kutanganya agateka mu bijanye n’imibano n’ubutunzi,aca asanga ko kugira ako karenganyo gahere abantu bakwiye kuja hamwe bakavyiyamiriza.

Iciyumviro ciwe kimaze kuja mu ngiro, Che Guevara yahavuye atwara ingabo bari kumwe mu murwi na Fidel Castro,uwo nawe yahavuye atwara igihugu ca Cuba bahejeje gutembagaza ubutegetsi bwa Fulgencio Batista yatwaza umukazo, hari mu mwaka w’1959.

Amaze kwitaba Imana Ernesto Che Guevara yagumye ari nk’akarorero abantu benshi barondera guhindura ibintu barabirako, ariko bamwe bakamawagiriza ko hari abo yica kandi abahora ubusa.

Gushika ubu isanamu ya Ernesto Che Guevara iri mu masanamu akundwa kandi aboneka mu bibanza vyinshi kw’isi.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.