Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Cuba: Imyaka 50 iraheze Ernesto Che Guevara yitavye Imana
Cuba: Imyaka 50 iraheze Ernesto Che Guevara yitavye Imana
lundi 9 Gitugutu 2017
Hari kw’igenekerezo rya 9 Gitugutu umwaka w’1967 mu gisagara ca Huguela mu gihugu ca Boliviya aho Che Guevara yitaba Imana.
Che Guevara yavukiye mu gihugu ca Argentine mu gisagara ca Rosalio kw’igenekerezo rya 14 Ruheshi,umwaka w’1928. Che Guevara ari mu barondeye ko ibijanye n’uburyo bwo gutwara bihinduka mu gihugu ca Cuba, agerageze mbere no kubishikana mu bindi bihugu.
Mu gihe yiga mu gisata c’ubuganga,niho yaronse akaryo ko gutembera mu bihugu vya Amerika y’Ubumanuko aho yasanze abantu baho bugarijwe n’ubukene buvuye ku kutanganya agateka mu bijanye n’imibano n’ubutunzi,aca asanga ko kugira ako karenganyo gahere abantu bakwiye kuja hamwe bakavyiyamiriza.
Iciyumviro ciwe kimaze kuja mu ngiro, Che Guevara yahavuye atwara ingabo bari kumwe mu murwi na Fidel Castro,uwo nawe yahavuye atwara igihugu ca Cuba bahejeje gutembagaza ubutegetsi bwa Fulgencio Batista yatwaza umukazo, hari mu mwaka w’1959.

Amaze kwitaba Imana Ernesto Che Guevara yagumye ari nk’akarorero abantu benshi barondera guhindura ibintu barabirako, ariko bamwe bakamawagiriza ko hari abo yica kandi abahora ubusa.
Gushika ubu isanamu ya Ernesto Che Guevara iri mu masanamu akundwa kandi aboneka mu bibanza vyinshi kw’isi.
MUGISHA Van Naris
Messages
28 Gitugutu 2017, 06:21, par HITIMANA
yari ntwari Yaba Nubu Harintwari Nkawe Hataba Kwikunda Isi Yobayeho Mumahoro Murakoze