Accueil > Amakuru > Rwanda > Diane RWIGARA atavuga rumwe n’ubutegetsi bw’Urwanda yoba yafashwe (...)
Diane RWIGARA atavuga rumwe n’ubutegetsi bw’Urwanda yoba yafashwe n’igiporisi
mercredi 30 Myandagaro 2017, par
Umuvugizi w’igiporisi c’Urwanda, ACP Theos Badege, yahakanye ibivugwa ko uwo atavuga rumwe n’ubutegetsi bw’Urwanda yafashwe n’igiporisi c’ico gihugu.
- Diane Shima Rwigara w’imyaka 35 yari yiyemeje guhiganwa na Paul KAGAME
Mu kiganiro ACP Theos Badege yagiranye na bagenzi bacu bakorera ikinyamakuru IGIHE mu Rwanda yagize ati : “Diane Rwigara ntabwo afunzwe. Icyo Polisi yakoze ejo, mu kazi kayo ko gukora amaperereza y’ibanze mu gihe hagaragaye ibimenyetso biganisha ku cyaha, ni uko ejo hakozwe gusakwa hashakwa ibimenyetso by’ibyo byaha. Icya mbere ni ugukoresha inyandiko mpimbano ikindi ni ukunyereza imisoro. Icya mbere kirajya kuri Diane Rwigara ikindi kikajya ku ikompanyi y’umuryango n’abayifitemo ubuyobozi.”
- ACP Theos Badege, umuvugizi w’igiporisi c’Urwanda

Egide NDUWIMANA