IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Donald TRUMP avuga ko yimirije kubonana n’umukuru w’igihugu wa Korea ya (...)

Donald TRUMP avuga ko yimirije kubonana n’umukuru w’igihugu wa Korea ya ruguru

mercredi 18 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Uwo mubonano hagati y’ivyo bihugu bibiri uriko urategurwa mu gihe umuyobozi w’ikigo CIA Mike Pompeo yakoze urugendo mu kinyegero mu gihugu ca Koreya ya Ruguru mu ntumbero yo gutegura umubonano w’ivyo bihugu bibiri.

Donald Trump yavuze ati : « Umubonano uzobaho mu ntango z’ukwezi kwa Ruheshi canke imbere y’aho gato niyo ibintu vyagenda neza. Birashika ntibizogende neza aho naho nta mubonano uzoba ukibayeho tuzoca tubandanya muri iyo nzira nyene naho igumye mu gukoresha inzira y’ukuganira kuko ariyo twiyemeje. »

JPEG - 263.7 ko
Umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika, Donald TRUMP

Uwo mubonano wa Reta zunze ubumwe za Amerika na Koreya ya Ruguru uriko utegurwa mu gihe muriuku kwezi kwa Ndamukiza igenekerezo rya 27 Ndamukiza 2018 hategekanijwe umubonano hagati y’umukuru w’igihugu ca Koreya ya Ruguru Kim Jong-Un hamwe n’umukuru w’igihugu wa Koreya y’epfo Moon Jae- In.

Abakurikiranira hafi poritike ya Koreya ya Ruguru hamwe na Koreya y’epfo bamenyesha ko iyo mibonano niyashika ku mwumvikano izoba ibaye intsinzi idasanzwe ku mukuru w’igihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump, kuko kuva mu mwaka w’i 1953 ata masezerano hagati y’ivyo bihugu bibiri yaribwaterweko umukono.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.