Accueil > Inkino > Amahiganwa > EAC : Umurwi w’inama Nshingamateka y’Uburundi wasezeye ihiganwa
EAC : Umurwi w’inama Nshingamateka y’Uburundi wasezeye ihiganwa
mercredi 6 décembre 2017
Muri urwo rukino rwahuje umurwi waserukiye inama nshingamateka y’Uburundi, umurwi waserukiye inama nshingamateka y’Ubuganda yatsinze ibitsindo bitatu, ku gitsindo kimwe c’Uburundi.
Umwe mu bagize umurwi waserukiye Uburundi amenyesha ko barushijwe uburambe bw’abakinyi baserukiye inama nshingamateka y’Ubuganda, hamwe n’imyimenyerezo kuko abaserukiye ubuganda berekanye ubuhinga kubarusha.
Bitegekanijwe ko umurwi waserukiye inama nshingamateka y’Uburundi uzotaha mu gihugu ku munsi wa mbere,ignekerezo rya 11 Kigarama 2017, inyuma y’itangwa ry’ubushimwe ku mirwi yigenjeje neza.
Mu rukino rwa mbere rwari rwahuje umurwi waserukiye Uburundi n’umurwi wa Tanzaniya, umurwi wa Tanzaniya wari watsinze umurwi w’inama nshingamateka y’Uburundi ibitsindo bitatu ku bitsindo bibiri vy’Uburundi.

Mwomenya ko vyari bitegekanijwe ko Uburundi buserukirwa kandi n’umurwi ukina urukino rw’amaboko Netball, ariko uwo murwi ukaba utitavye amahiganwa.

MUGISHA Van Naris