IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > ECONET Leo > ECONET LEO ishigikiye amahoro mu Burundi

ECONET LEO ishigikiye amahoro mu Burundi

lundi 4 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Mw’ihangiro ryayo ryo guteza imbere abarundi mu buzima bwabo no kwifatanya n’abarundi bose mu bikorwa vyabo, Econet leo ifashe mu mugongo ico gikorwa.

Iryo higanwa rizotangura igenekerezo rya 11 Kigarama gushika 15 Kigarama 2017. Bitegekanijwe ko urugendo ruzoca mu ntara zikurikira :

1. Umunsi wa 1 : Ngozi- Kayanza - Bugarana - Bujumbura : Igenekerezo rya 11 Kigarama

2. Umunsi wa 2 : Bujumbura – Nyaza lac : Igenekerezo rya 12 Kigarama

3. Umunsi wa 3 : Nyanza lac – Cankuzo : Igenekerezo rya 13 Kigarama

4. Umunsi wa 4 : Cankuzo - Karuzi : Igenekerezo rya 14 Kigarama

5. Umunsi wa 5 : Karuzi – Gitega : Igenekerezo rya 15 Kigarama

Econet leo izokwifatanya n’abarundi bose bazoba bahishikiye mu gushigikira amahoro mu gihugu c’Uburundi. Muri Econet Leo bavuga bati : “Ahari amahoro, umuhoro uramwa. Hari amahoro, bose bakura amaboko mu mpuzu, bagakora ibikorwa vyo kwiteza imbere, ubutunzi n’ukubaho neza bigashwara igihugu cose."

Mu bikorwa vyo gushikira abarundi mu buzima bwabo bwa minsi yose, Econet leo kandi ihora yifatanya n’abari mu bikorwa vy’iterambere vyo kwubaka amashure, amavuriro, ibibuga vy’inkino mu ntara zitandukanye z’igihugu. Econet leo iraterera kandi n’agacumu k’ubumwe mu migambi itandukanye. Akarorero ni gufata mu mugongo impfuvyi biciye mu gisata “Higher Life Foundation”, aho Econet leo ifashe mu mugongo abanyeshure barenga 500 bari mu mashure atandukanye mbere no hanze mu mahanga.

Nk’uko, Econet leo, iserukiwe n’uwuyitwara, muri BUJUMBURA PEACE RUN muri Rusama 2017 yabivuze mw’ijambo ryiwe, bibutsa bati : « Turashigikiye amahoro kandi tuzokwama tuyashigikiye ».

Mw’ishirahamwe Econet Leo baratumiye abarundi bose kuzoza kwifatanya nabo mu gushigikira ico gikorwa no gukomeza amahoro.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.