IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Ubuhinga bwa none > ECONET Leo > Econet Leo yatanguje ubuhinga bwo kugura umuyagankuba biciye muri (...)

Econet Leo yatanguje ubuhinga bwo kugura umuyagankuba biciye muri EcoCash

Thursday 2 August 2018, by vianney

Umuyobozi w’ishirahamwe rya Econet Leo,Nepias NJARAVAZA yamenyesheje ko ubucuti batanguje n’ishirahamwe PAYWAY buzofasha kugira abanywanyi bafise umuhora wa Econet Leo kandi biyandikishije muri EcoCash bashobore kugura umuyagankuba aho bari hose ku mwanya wariwo wose biciye muri EcoCash .

Nepias NJARAVAZA yavuze ko ubwo buhinga batanguje n’ishirahamwe PAYWAY bizofasha abanywanyi kugira bagure umuyagankuba bari ku mihana yabo bakoresheje terefone ngendanwa
.

Uyo muyobozi wa Econet Leo yavuze kandi ko ubwo buhinga “Gura amatara ” batanguje ari inyungu kw’ishirahamwe ryabo hamwe no kubanywanyi bakoresha umuhora wa Econet Leo biyandikishije muri Ecocash kuko bashobora kugura umuyagankuba aho bashakiye ndetse bigafasha mu kunagura ubutinzi bw’igihugu.

Nepias NJARAVAZA yavuze yuko bafadikanije na PAYWAY Burundi bazokora ibishoboka kugira abanywanyi babo baronke ibidandazwa vyose bipfuza biciye mu buryo bworoshe kandi buzimbutse.

Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe PAYWAY Burundi, Methousela Nsabimbona yamenyesheje ko ishirahamwe arongoye rifise ubuhinga kugira rifashe abantu gushobora kuronka ikidandazwa carico cose atawuvuye aho ari.

Methousela NSABIMBONA yavuze ko bazokorana n’ishirahamwe ryo gutumatumanako rya Econet Leo kugira abantu bose bafise terefone ngendanwa bashobore kugura ibintu vyose bipfuza vya PAYWAY Burundi biciye muri Ecocash.

Methousela yavuze ati: “Buri muntu wese yumveko muri PAYWAY afiseyo ikibanza co gucishayo ivyo agurisha.”

Uyo atwara PAYWAY Burundi yavuze ko akunguko ku banywanyi aruko bagiye koroherwa kuronka ibidandazwa na cane cane umuyagankuba n’ibindi.

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy MBONIMPA yashimiye ishirahamwe Econet Leo hamwe na PAYWAY Burundi k’ubuhinga bushasha batanguje bwo kugura umuyagankuba biciye muri EcoCash kuko bizofasha abanyagihugu kuronka ivyo bipfuza ku mwanya muto batarinze kuruha.

Freddy MBONIMPA yavuze ko bizofasha kugira igisagara ca Bujumbura kije k’urugero rw’ibindi bisagara kugira abashaka ibintu bitandukanye babironke ku mwanya muto.

Kuwipfuza kugura umuyangankuba abicishije muri Ecocash afyonda *444#,ugahitamwo 8 ukemeza hama ugaca uhitamwo 2 handitse PAYWAY/Amatara hama ugaca ukwirikiza urutode uhabwa.


Vianney BIKORIMANA

Forum posts

  • Murakaza bnakaremwarimwaratevye.esemwogeragezakorohereza abarundibarimumahanga guterefona canke kurungika amafrangabiciyekuri terefone kandi bagahamagarakugicirokitavuna mwabamukoze.burya,natwetwipfizaguterimberemubijanyenubuhingabwanonenkazakenya,nukobidakunda kandinukobansumire indabakiribenshimugihugu.esebohumirizabakarekakugipfukamamunda tugatezimbere uburundibwacubukaba ubwiratiro.

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.