IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ekereziya Gaturika y’Uburundi ntiyatanze abayiserukira muri CEPI

Ekereziya Gaturika y’Uburundi ntiyatanze abayiserukira muri CEPI

mardi 26 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Prosper NTAHORWAMIYE ajejwe kumenyesha amakuru mu murwi CENI avuga ko mu nama y’ukuvugana ivyishirwaho ry’uo muri, Ekereziya Gaturika mu Burundi yari yaserukiwe, ariko ko mu nyuma umurwi CENI waronse urwandiko ruvuga ko Abapatiri bafise ibindi bikorwa vyinshi muri iyi minsi ya Noweri.

Prosper NTAHORWAMIYE avuga ati : "Twari twabatumyeko mu nama baraza, ariko mu nyuma twararonse ikete ryanditswe n’uwurongoye inama nkuru y’abepisikopi Katurika mu Burundi, atubwira ko muri iyi minsi ya Noweri Abapatiri bafise ibikorwa vyinshi, ko batoronka umwanya ukwiye w’ugushigikira ico gikorwa."

Imirwi yo mu ntara (CEPI : Commission Electorale Provinciale Indépendante) niyo izoba ijejwe gutegura amatora y’ibwirizwa shingiro rishasha ashobora kuba mu kwezi kwa gatanu. Iyo mirwi nyene niyo izotegura amatora azoba mu mwaka w’2020.

Abayijamwo bavuye mu migambwe itandukanye, amashirahamwe yigenga hamwe n’abaserukira amashengero. Umugambwe SAHWANYA FRODEBU niwo umaze kumenyekana ko nawo utarungitse abawuserukira muri uwo murwi.

Inyuma y’ugushiraho abaserukira uwo murwi mu ntara ya Bujumbura, intara ya Makamba niyo yaramukiwe kuri uwu wa kabiri. Abagize umurwi mu ntara ya Makamba ni abantu umunani, bagizwe n’abahutu batanu hamwe n’abatutsi batatu.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Gatorika ntawutazi uruhara ifise mumabi nubwicanyi abarundi bagiye baracamwo Ngoyagoye,Ntamwana eka nabadi Nimubasasiye ndava mubwicanyi bwo kuva 1972, 1988, 1993 mgutikiza abo mubwoko bwabahutu barazi ko ukuri gushobora kubagarukako ivyo ntibitangaje kuko ntibokwisogota inkota ariko urugamba rwaratanguye ukuri kuzoteba kuje ahabona banka bemera umuhutu wubu si wawundi mwari musanzwe muzi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.