IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > course > Elicom : Aba mbere biyandikishije mw’ihiganwa ry’amapikipiki bamenyekanye

Elicom : Aba mbere biyandikishije mw’ihiganwa ry’amapikipiki bamenyekanye

vendredi 21 Mukakaro 2017

Igikorwa co kwugurura ibikorwa vyo kwiyandikisha mw’ihiganwa "Course à Moto Edition 2017" citabiriwe n’abariko bategura ivyo higanwa barimwo abo mu gisata c’ubuhinga. Intumbero y’ico gikorwa kwari kwerekana ko igihe cageze aho uwo wese yipfuza gushira ahabona impano ziwe ahawe ikaze. Muri ivyo birori nyene, abazohiganwa mu gisata c’abatabigize umwuga biyandikishije.

Dieudonné Prime UWIKUNDA azwi kw’izina rya Twofity niwe yiyandikishije ubwa mbere. Bamaze kubona ko akwije ibisaba (Karangamuntu, uruhusha rwo kugendesha ipikipiki, urupapuro rutangwa na muganga, ubwoko bw’ipikipiki, hamwe n’amahera ibihumbi icumi), yashize umukono ku rupapuro rw’amasezerano hagati yiwe na Elicom muri ico kiringo c’amahiganwa.

Twofity avuga ati : "Mfise umunezero ntangere kuko kuva nkiri umwana muto namye kunda kugendesha ipikipiki, ubu rero ni akaryo keza ko gushira ahabona ivyo nize".

JPEG - 68.7 ko
Abari bahejeje kwiyandikisha

Sikujua Jean Marie nawe nyene yiyandikishije yemeza ko ari umunezero ntangere ko ribaye irya mbere mu buzima bwiwe yitavye ihiganwa nk’iryo. Sikujua aremeza ko ipikipiki yiwe yo mu bwoko bwa Honda Ranger izomuzanira itsinzi.

Nk’uko uwujejwe ubuhinga muri iryo higanwa abivuga, ibikenewe vyose kugira bigende neza vyaregeranijwe. Aremeza kandi ko iryo higanwa riri ku rwego mpuzamakungu, kuko n’abanyamahanga baritumiwemwo.

Kwiyandisha kwatanguye kw’igenekerezo rya 20 Mukakaro gushika kw’igenekerezo rya 30 uko kwezi nyene. Mu ntango za Myandagaro hazokwiyandikisha vya bihangange mu mahiganwa y’amapikipiki.

Tubibutse ko ihiganwa "Course à Moto 2017" ririko ritegurwa na Elicom ifadikanije na Miss 2016. Ihiganwa nk’iryo ryaheruka kubera mu Burundi mu mwaka w’1989


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.