Elicom : Aba mbere biyandikishije mw’ihiganwa ry’amapikipiki bamenyekanye

Yanditswe na Cherif NKESHIMANA
Kuya 21 juillet 2017 saa 05:20
Yasomwe : 5571
0 0

Ishirahamwe Elicom ryuguruye ku mugaragaro ibikorwa vyo kwiyandikisha ku bazokwitaba ihiganwa ry’amapikipiki mu gisata c’abazohiganwa ariko batabigize umwuga (amateurs). Abiyandikishije barashima akaryo keza bahawe na Elicom ko kwerekana ico bashoboye.

Igikorwa co kwugurura ibikorwa vyo kwiyandikisha mw’ihiganwa "Course à Moto Edition 2017" citabiriwe n’abariko bategura ivyo higanwa barimwo abo mu gisata c’ubuhinga. Intumbero y’ico gikorwa kwari kwerekana ko igihe cageze aho uwo wese yipfuza gushira ahabona impano ziwe ahawe ikaze. Muri ivyo birori nyene, abazohiganwa mu gisata c’abatabigize umwuga biyandikishije.

Dieudonné Prime UWIKUNDA azwi kw’izina rya Twofity niwe yiyandikishije ubwa mbere. Bamaze kubona ko akwije ibisaba (Karangamuntu, uruhusha rwo kugendesha ipikipiki, urupapuro rutangwa na muganga, ubwoko bw’ipikipiki, hamwe n’amahera ibihumbi icumi), yashize umukono ku rupapuro rw’amasezerano hagati yiwe na Elicom muri ico kiringo c’amahiganwa.

Twofity avuga ati : "Mfise umunezero ntangere kuko kuva nkiri umwana muto namye kunda kugendesha ipikipiki, ubu rero ni akaryo keza ko gushira ahabona ivyo nize".

JPEG - 68.7 ko
Abari bahejeje kwiyandikisha

Sikujua Jean Marie nawe nyene yiyandikishije yemeza ko ari umunezero ntangere ko ribaye irya mbere mu buzima bwiwe yitavye ihiganwa nk’iryo. Sikujua aremeza ko ipikipiki yiwe yo mu bwoko bwa Honda Ranger izomuzanira itsinzi.

Nk’uko uwujejwe ubuhinga muri iryo higanwa abivuga, ibikenewe vyose kugira bigende neza vyaregeranijwe. Aremeza kandi ko iryo higanwa riri ku rwego mpuzamakungu, kuko n’abanyamahanga baritumiwemwo.

Kwiyandisha kwatanguye kw’igenekerezo rya 20 Mukakaro gushika kw’igenekerezo rya 30 uko kwezi nyene. Mu ntango za Myandagaro hazokwiyandikisha vya bihangange mu mahiganwa y’amapikipiki.

Tubibutse ko ihiganwa "Course à Moto 2017" ririko ritegurwa na Elicom ifadikanije na Miss 2016. Ihiganwa nk’iryo ryaheruka kubera mu Burundi mu mwaka w’1989


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha