IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Etiyopiya : Abashingamateka batoye itegeko ribuza abana kuja kurererwa (...)

Etiyopiya : Abashingamateka batoye itegeko ribuza abana kuja kurererwa hanze y’igihugu

jeudi 11 janvier 2018

Iryo tegeko ritowe inyuma yaho hamenyekanye ko hari umwana avq muri ico gihugu yatwawe kurerwa mu gihugu ca Amerika, yitaba Imana mu buryo budasiguritse bituma abari bamutwaye kumurera bagirizwa icaha.

Ibindi mu vyatumye iryo tegeko ritegurwa n’uko vyamenyekanye ko ; hari abana bafatwa nabi iyo bageze mu mahanga iyo baba batwawe kurererwa.

Bamwe mu bavugwa ko bamaze gutwara abana bakababera abavyeyi n’abakinyi rurangiranwa b’amareresi Brad Pitt na Angelina Jolie.

Naho hari bamwe mu bashingamateka bo muri ico gihugu bashikirije ko mu gihugu ata buryo buriho buhagije bwo kwitaho abana nk’abo,iryo tegeko ritegekanya ko abo bana bafise ibibazo nk’ivyo bazofashwa hakwirikijwe uburyo buri mu gihugu.

Mwomenya ko haciye imyaka 2 bimwe mu bihugu vya Buraya harimwo na Danmark bihagaritse umugambi wo gutwara abana bavuye muri Etiyopiya ; inyuma yaho bimenyekanye ko ico gikorwa kirangwamwo urudandazwa.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.