Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Etiyopiya : Reta yatanze ikigongwe ku bapfungiwe ivya poritike
Etiyopiya : Reta yatanze ikigongwe ku bapfungiwe ivya poritike
mercredi 3 janvier 2018
Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, yavuze ko ibohero rikomeye, Maekelawi, rikwiye kwugarwa rigahindurwamwo inyubakwa yo kubikamwo ibiranga akahise.
Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya yavuze ko iyo ntambwe ishobora gufasha mu biganiro bitegekanijwe mu gihugu cose, inyuma y’imyiyerekano y’abagwanya ubutegetsi yamaze imyaka irenga ibiri.
Abantu bagiye mu myiyerekano baharugwa mu bihumbi barapfunzwe, abaharurwa mu majana nabo baricwa.
Ayo makuru ya BBC amenyesha ko bibaye ku ncuro ya mbere, aho Reta yemera ko hari abanyororo bapfunzwe kubera imvo za poritike, nayo ingingo yo kubarekura ikaba yatangaje benshi.
MUGISHA Van Naris
Messages
5 janvier 2018, 06:31, par Niyonsaba Valentin
Nyakubahwa Pierre Nkurunziza Turasavye Nawe Ko Yotanga Ikigongwe Kuba Nye Politike Bose Nkuko Reta Ya Etiyopi Yabikoze . Imana Yomwongera Gutwa Imyaka Yose.