IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Evariste NDAYISHIMIYE : "Turashigikiye ivyavuye mu biganiro vyatunganijwe (...)

Evariste NDAYISHIMIYE : "Turashigikiye ivyavuye mu biganiro vyatunganijwe na CNDI"

jeudi 13 Mukakaro 2017

Muri uwo mubonano, umukuru w’umugambwe CNDD-FDD Evariste NDAYISHIMIYE na Michel KAFANDO baganiriye ku bijanye n’icokorwa mu ntumbero yo gutegura amatora abaye mu mahoro kandi yitabwe na bose mu mwaka wa 2020.

Amakuru ava mu gisata kijejwe kumenyesha amakuru mu mugambwe CNDD-FDD amenyesha yaba Evariste NDAYISHIMIYE canke Michel KAFANDO bashimye kuba hari amahuriro ahuza abarongoye imigambwe, kuko atuma bahanahana ivyiyumviro ku cigwa bokura mu matora yabaye mu mwaka wa 2015.

JPEG - 61.5 ko
Evariste NDAYISHIMIYE aramukanya na Michel KAFANDO

Umukuru w’umugambwe CNDD-FDD yamenyesheje intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru wa ONU Michel KAFANDO ko umugambwe CNDD-FDD ushima utwigoro tw’umuhuza yagenywe n’akarere ka Afrika y’Ubuseruko.

Michel KAFANDO ari mu rugendo mu Burundi, akaba amaze kubonana n’abanyeporitike, n’abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.