Incamake

FFB:Ibiciro vyo kuraba urukino Olympic Star na Etoile Filante vyamenyekanye

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 9 février 2018 saa 02:58
7965
0 0

Mu gihe kur’uyu wa gatandatu hategekanijwe urukino ruzohuza umurwi Olympic Star w’i Muyinga n’umurwi Etoile Filante wo mu gihugu ca Burkina Faso, ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ryashize ahabona ibiciro vyo kwinjira kuraba urwo rukino.

Ku mpande z’ikibuga, abazoraba urukino bazoriha amafaranga 2000 vy’amarundi, mu bwugamo A na D, hazorihwa amafaranga 10000 vy’amarundi, mu bwugamo B na C bazoriha 15000 vy’amarundi, mu gihe mu bwugamo bw’iteka bazoriha 30000 vy’amarundi.

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi rimenyesha ko urwo rukino ruzotangura isaha icenda z’umuhingamo, ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE.

Urwo rukino rukaba ruri mu rutonde rw’inkino za Coupe de la Confederation ku mugabane wa Afrika.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha