IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > FFB : Messager Ngozi wasubiye mu kibanza ca mbere ku rutonde (...)

FFB : Messager Ngozi wasubiye mu kibanza ca mbere ku rutonde nfatakibanza

lundi 12 février 2018

Inkino zitatu za mbere zo ku munsi wa 18 zabereye ku kibuga c’i Gitega, hamwe no ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore.

Ku kibuga c’i Gitega, umurwi Flambeau du Centre watsinze umurwi Ngozi City, ibitsindo bitatu ku busa, mu gihe ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE, mu rukino rwa mbere, umurwi Bujumbura City watsinze Messager Bujumbura igitsindo kimwe ku busa.

Urukino rwa kabiri ari narwo rwari rurindiranywe n’abakunzi b’urukino rw’umupira w’amaguru isinzi, rwahuje umurwi Messager Ngozi na Athletico Olympic, urwo rukino rukaba rwaheze ku ntsinzi ya Messager Ngozi y’ibitsindo bibiri kuri kimwe.

Ku rutonde nfatakibanza, umurwi Messager Ngozi wagarutse mu kibanza ca mbere n’amanota 43 ku nkino 18, mu kibanza ca kabiri haza umurwi LLBS4A n’amanota 41 ku nkino 17, mu kibanza ca gatatu haza umurwi Aigle noir n’amanota 38, mu gihe mu kibanza ca kane hari umurwi Vitalo n’amanota 30.

Mu kibanza ca nyuma haracari umurwi Delta Star n’amanota 17, ukanganya amanota na les jeunes athletics uri mu kibanza ca 15, mu gihe mu kibanza ca 14 hari umurwi Ngozi City n’amanota 18.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.