Accueil > Inkino > FOOTBALL > FFB : Uburundi buzokwakira urukino rwa mbere mpuzamakungu rubereye hagati (...)
FFB : Uburundi buzokwakira urukino rwa mbere mpuzamakungu rubereye hagati mu gihugu
samedi 3 mars 2018
Nk’uko biri mw’itangazo ry’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB,ryateweko umukono n’umunyamabanga mukuru, MANIRAKIZA Jeremie, urwo rukino rugira 57, mw’ihiganwa coupe de la confederation ku mugabane wa Afrika.
Muri iryo tangazo , ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, rimenyesha ko umurwi Al Hilal Elobied uzoshika mu Burundi kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 4 Ntwarante 2018, uce ufata urugendo ruwushikana mu ntara ya Ngozi, aho uzogirira n’imyimenyerezo imbere y’uko urukino ruba.
Urukino rutegekanijwe kuwa gatatu igenekerezo rya 7 Ntwarante 2018, ku kibuga ’’Urukundo’’ co mu ntara ya Ngozi, igihe c’isaha icenda z’umuhingamo.
Umurwi Olympic Star ushitse kuri urwo rugero, inyuma yo gukura mw’ihiganwa umurwi Etoile Filante wo muri Burkina, uwutsinze igitsindo kimwe ku busa iwabo, mu gihe mu rukino rwo gutangura bari banganije ubusa ku bundi, i Bujumbura.
MUGISHA Van Naris
Messages
7 mars 2018, 22:35, par WILLY