Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
FFB : Ubushimwe buhabwa abatsindiye igikobe c’umukuru w’igihugu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > FFB : Ubushimwe buhabwa abatsindiye igikobe c’umukuru w’igihugu (...)

FFB : Ubushimwe buhabwa abatsindiye igikobe c’umukuru w’igihugu bwongerejwe

lundi 29 janvier 2018

Amakuru dukesha ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, amenyesha ko mu gihe uwutahukanye ikibanza ca mbere yahora aronka imiriyoni zitanu z’amarundi, ubu agiye kuronka imiriyoni indwi n’ibihumbi amajana atanu y’amarundi.

Mu gihe uwutahukanye ikibanza ca kabiri yahora aronka imiriyoni zitatu z’amarundi, ubu azoronka agashimwe k’imiriyoni zitanu z’amarundi, uwuzotahukana ikibanza ca gatatu azohabwa imiriyoni zitatu, akazonganya n’uwuzotahukana ikibanza ca kane.

Bitegekanijwe ko ihiganwa ry’igikombe c’umukuru w’igihugu mu rukino rw’umupira w’amaguru, rizotangura mu kwezi kwa kabiri 2018, imirwi 65 ikaba ariyo izokina iryo higanwa.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.