Urunani mpuzamakungu rw’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu ruriyamiriza ingingo yafashwe na Reta y’Uburundi y’uguhagarika imigenderanire yahora ihari hagati ya Reta y’Uburundi hamwe n’igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu.
Florent Geel ajejwe Afrika mu runani mpuzamakungu rw’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu yamenyesheje ko Reta y’Uburundi ishaka kwiruka abarorerezi b’abateka ka zina muntu bizewe bari bakiri mu Burundi. Kubw’urwo runani, Reta ishaka kwikura ku makungu, kugira amabi akorwa ntamenyekane.
- Florent Geel ajejwe Afrika mu runani mpuzamakungu rw’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu
Mu gihe iyo ngingo yafashwe inyuma y’icegeranyo ONU yasohoye ku gateka ka zina muntu mu Burundi, urunani mpuzamakungu rw’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu rusaba Reta y’Uburundi ahubwo ko hako yokwikura mu gisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu, ko yotanga insiguro kuvyo yagirizwa.
Reta y’Uburundi iheruka gufata ingingo y’uguhagarika imigenderanire hamwe n’ugukorana n’igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu mu Burundi.
Nk’uko vyashikirijwe na Firipo NZOBONARIBA, umuvugizi wa Reta y’Uburundi, iyo ngingo yafashwe kubera uruhara rw’ico gisata ca ONU, mu cegeranyo giheruka gusohka ku Burundi, muri Reta bakavuga ico cegeranyo cuzuyemwo ibinyoma.
Mbeko bavuga ngo banegura Leta kungingo yafashe, mbe bibagirako natwe abarundi twaneguye ivyegeranyo vyabo.