FIFA : Uburundi bwagumye mu kibanza c’143 ku rutonde rw’ukwezi kwa mbere

Yanditswe na BUKURU Pacifique
Kuya 16 février 2018 saa 09:28
6525
0 0

Uburundi bwagumye ku kibanza ca 143 ari naco bwahoramwo mu kwezi kwa mbere, ku rutonde ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA ryama risohora uko ukwezi guheze.

Imvo yo kuguma mu kibanza bwarimwo,n’uko ata nkino nyinshi zihuza imirwi nserukirabihugu zakinywe mu kwezi kwa Nzero 2018.

Mu bihugu vyo mu karere ka CECAFA, Ubuganda buza imbere mu kibanza ca 78, bukaba bwakorotse ibibanza 5,hagakurikira Kenya mu kibanza ca 106, Urwanda narwo rukaza mu kibanza ca 114, Etiyopiya iri mu kibanza ca 135, Tanzaniya iri inyuma y’Uburundi mu kibanza ca 146.

Kwisonga ry’urutonde, Ubudagi buri imbere, bugakurikirwa na Brésil, mu kibanza ca gatatu hakaza Portugal.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha