Faustin NDIKUMANA: “Igwirirana ry’abantu riteye impungenge mu gihugu.”

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 11 July 2018 saa 01:52
10290
0 0

Ishirahamwe ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo n’ivyiyumviro PARCEM rimenyeshako reta y’Uburundi ikwiye gushiraho poritike yerekana uko imibereho y’abanyagihugu ikwiye kugenda “Politique de la population” kugira bifashe guteza imbere umunyagihugu kuko igwirirana ry’abantu riteye impungenge mu gihugu.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamkuru kuruno wa gatatu hahimbazwa umusi mpuzamakungu wahariwe igwirirana ry’abantu,umukuru wa PARCEM Faustin NDIKUMANA yamenyesheje ko mu Burundi umurindi w’abantu wiyongera 3 kw’ijana ,ku kirometero kwadarato hakaba abantu 350,umugore umwe nawe akavyara abana 6 hamwe n’abana 1000 bavuka ku musi mu gihe ata poritike iriho ijejwe kuvyiga umunyagihugu azoguma mu buzima bubi naho igihugu cotera imbere.

Faustin NDIKUMANA yavuze ko hakwiye kubaho poritike ibijejwe kugira yerekane ivyo abantu bokora nivyo boshikako mu gutorera ibibazo vyo gufungura nabi,gukura abantu mu bukene,gushikana uyangankuba ku bantu bose,ibibazo vy’indero hamwe n’ibibazo bijanye n’amagara y’abantu n’ibindi.

Kugira ikibazo c’igwirirana ry’abantu mu Burundi gitorerwe inyishu ,Faustin NDIKUMANA asaba ko hoshirwaho ikigo kijejwe gukora ubushakashatsi no kwerekana ivyokorwa kubijanye no kuduza ubutunzi hamwe no gushiraho igitabo cerekana imigambi ngenderwako.


Kumenyekanisha

1
Nsengimana Phenias 18-07-2018 à 23:04

Vyoba Vyiza Bigiye Mungiro

2
Twaje 11-07-2018 à 14:50

Ahorero iryoniryojambo twita kwungurana ivyiyumviro, kukonkivyo uvuze uraterereye iciyumviro gikomeye nubwo vyishivyamaze kwirwa mberebiriko birashirwa mungiro ibindibuca bishirwa mungiro abitaribirimwo mwivyowavuze ndazikobazobikorerako reta yacu iyuntayibwizazanya ubwishime ikwumva % nkumwana asaba ibifungurwa umuvyeyi.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha