Fiston ABdul Razzak yoba agiye gukina mu gihugu ca Angola

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 5 décembre 2017 saa 09:28
Yasomwe : 6885
0 0

Umukinyi w’umurwi nserukira gihugu intamba mu rugamba, ku ruhande rwo gusatira Fiston Abdul Razzak agiye gushira umukono ku masezerano yo gukinira umurwi umwe wo mu gihugu ca Angola.

Amakuru ava mu gihugu ca Kenya aho Fiston Abdul Razzak yari yitavye inkino za CECAFA, amenyesha ko uwo mukinyi ahejeje gukina urukino rwahuje Uburundi n’Ubuganda yaciye aja ku murwa mukuru i Nairobi gufata indege imushikana muri Angola.

Gushika ubu umukinyi Fiston Abdul Razzak yirinze gushikiriza umurwi agiye gukinira, ariko bivugwa ko ari umurwi wo mu cicaro ca mbere.

Amakuru ava mu murwi nserukira gihugu Intamba mu Rugamba, amenyesha ko Fiston Abdul Razzak ashobora no kudakina urukino ruzohuza Intamaba mu Rugamba n’igihugu ca Etiyopiya kw’igenekerezo rya 7 Kigarama 2017.

Fiston Abdul Razzak yarakiniye imirwi yo mu Burundi nka LLBS 4 Africa, Sofapaka wo muri Kenya, Diables Noir wo muri Kongo Brazaville, Mamelody Sundowns na Celtic Bloemfontein yo mu gihugu ca Afrika y’Epfo.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha