Accueil > Inkino > Amahiganwa > Francine NIYONSABA yabaye uwa mbere mw’ihiganwa ryabereye i Lausanne
Francine NIYONSABA yabaye uwa mbere mw’ihiganwa ryabereye i Lausanne
vendredi 7 Mukakaro 2017
Francine NIYONSABA yaje imbere ya y’umunyamerikakazi Lipsey Charlene yirutse izo metero 800 mu munota umwe,amasegonda 57 n’ivy’ijana 38(1:57.38),uwabaye uwa gatatu ni umunyakenyakazi yazirutse mu munota umwe,amasegonda 57, n’ivy’ijana 78(1:57.78).
Amakuru ava mu begereye umunonotsi Francine NIYONSABA bavuga ko uwu ariwo mwanya mwiza agize mu minsi amze agira amahiganwa,bakizera ko mu gihe yobandanya ukwo,vyotuma ashobora gusiga umunyafrika y’Epfo Caster SEMENYA afise ikibanza ca mbere kw’isi.
- Francine NIYONSABA ahejeje kwiruka
Mw’ihiganwa ryaheruka kubera mu gihugu ca Suede, Francine NIYONSABA yirutse imetero 800 mu munota umwe,amasegonda 59 n’ivy’ijana 11,mu gihe mu ryabereye mu gihugu ca Norvege Francine NIYONSABA yirutse imetero 800 mu munota umwe,amasegonda 58 n’ivy’ijana 18.

MUGISHA Van Naris
Messages
8 Mukakaro 2017, 06:45, par Niyongabo Prime
ndamukeje Kuntsinz Yaronse