Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gitega : Umuyobozi w’igisata c’inyigisho z’imyuga avuga ko ico gisata (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Gitega : Umuyobozi w’igisata c’inyigisho z’imyuga avuga ko ico gisata (...)

Gitega : Umuyobozi w’igisata c’inyigisho z’imyuga avuga ko ico gisata cibagiwe

vendredi 16 février 2018

Umuyobozi w’amashuri y’imyuga mu ntara ya Gitega avuga ko badashobora gukora imirimo yabo nk’uko bategerezwa, kuko bugarijwe n’ibibazo nyamukuru nk’ubukene bw’amafaranga yo gutunganya ibikorwa, uburyo bwo kwiyunguruza n’ubwo gutumatumanako amakuru.

Gamaliel BANGIRINAMA avuga ko ivyo vyose vyunyurwa n’uko atan’ikidodo bafise, bigatuma ata mugambi n’umwe bashobora gutunganya canke ngo bagiriranire amasezerano n’ishirahamwe iryariryo ryose.

JPEG - 47.1 ko
Gamaliel BANGIRINAMA,Umuyobozi w’amashuri y’imyuga mu ntara ya Gitega

Umuyobozi w’amashuri y’imyuga mu ntara ya Gitega akamenyesha ko baravye uko ibintu vyifashe muri ico gisata,womenga ico gisata ntikibaho, kuko badashobora gushika aho botegerejwe gushika.

Gamaliel BANGIRINAMA avuga ko hamwe ivyo bibazo nyamukuru bafise vyotorerwa umuti, boba barakora bukebuke.

Mu bushikiranganji bw’abakozi n’akazi ari naho ico gisata c’inyigisho z’imyuga cegukira, bavuga ko ivyo bibazo bizwi, ariko kubera ari igisata gishasha bategerezwa kurondera abafasha.

Umwunganirizi w’umushikiranganji w’abakozi n’akazi Didace NZAMBIMANA, amenyesha ko ibisata vy’imyuga ari ibisata bitanguye vuba, nayo kuvuga ko ivyo bibazo bigiye gutira umuti vuba kwoba ari ukubesha, kuko no mu nteguro y’amafaranga Reta izokoresha ico gisata ata kirimwo.

Didace NZAMBIMANA asaba abayobozi ko boba barakora muri ubwo buryo nyene naho butoroshe, mu kurindira umugambi w’Ibanki y’Isi ushobora gushigikira ico gisata, ariko akamenyesha ko boba baratenyenya kuko atawokora vyose ku munsi umwe bice bikunda.

Igisata c’imyuga cimuriwe mu bushikiranganji bw’abakozi n’akazi, mu gihe cahora kigenzurwa mu bushikiranganji bw’indero, inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.