Accueil > Amakuru > Amashuri > Gitega : Umuyobozi w’igisata c’inyigisho z’imyuga avuga ko ico gisata (...)
Gitega : Umuyobozi w’igisata c’inyigisho z’imyuga avuga ko ico gisata cibagiwe
vendredi 16 février 2018
Umuyobozi w’amashuri y’imyuga mu ntara ya Gitega avuga ko badashobora gukora imirimo yabo nk’uko bategerezwa, kuko bugarijwe n’ibibazo nyamukuru nk’ubukene bw’amafaranga yo gutunganya ibikorwa, uburyo bwo kwiyunguruza n’ubwo gutumatumanako amakuru.
Gamaliel BANGIRINAMA avuga ko ivyo vyose vyunyurwa n’uko atan’ikidodo bafise, bigatuma ata mugambi n’umwe bashobora gutunganya canke ngo bagiriranire amasezerano n’ishirahamwe iryariryo ryose.
- Gamaliel BANGIRINAMA,Umuyobozi w’amashuri y’imyuga mu ntara ya Gitega
Umuyobozi w’amashuri y’imyuga mu ntara ya Gitega akamenyesha ko baravye uko ibintu vyifashe muri ico gisata,womenga ico gisata ntikibaho, kuko badashobora gushika aho botegerejwe gushika.
Gamaliel BANGIRINAMA avuga ko hamwe ivyo bibazo nyamukuru bafise vyotorerwa umuti, boba barakora bukebuke.
Mu bushikiranganji bw’abakozi n’akazi ari naho ico gisata c’inyigisho z’imyuga cegukira, bavuga ko ivyo bibazo bizwi, ariko kubera ari igisata gishasha bategerezwa kurondera abafasha.
Umwunganirizi w’umushikiranganji w’abakozi n’akazi Didace NZAMBIMANA, amenyesha ko ibisata vy’imyuga ari ibisata bitanguye vuba, nayo kuvuga ko ivyo bibazo bigiye gutira umuti vuba kwoba ari ukubesha, kuko no mu nteguro y’amafaranga Reta izokoresha ico gisata ata kirimwo.
Didace NZAMBIMANA asaba abayobozi ko boba barakora muri ubwo buryo nyene naho butoroshe, mu kurindira umugambi w’Ibanki y’Isi ushobora gushigikira ico gisata, ariko akamenyesha ko boba baratenyenya kuko atawokora vyose ku munsi umwe bice bikunda.
Igisata c’imyuga cimuriwe mu bushikiranganji bw’abakozi n’akazi, mu gihe cahora kigenzurwa mu bushikiranganji bw’indero, inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi.
MUGISHA Van Naris
Messages
17 février 2018, 19:36, par Audace Ciza
S Igitega Gusa Ni Gihugu Cose Ico Gisata Kiri Mu Ngoran Zirenz