IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Guatemala : Abantu 25 bitavye Imana bahitanywe n’ibitunga

Guatemala : Abantu 25 bitavye Imana bahitanywe n’ibitunga

lundi 4 juin 2018

Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko ikirunga Fuego casheshe ubuyi bw’umuriro kinarungika mu kirirere ivyuka bivanze n’umunyota, kure gushika ku metero ibihumbi cumi uhereye ku kiyaga.

Ayo makuru ya BBC, amanyesha ko, vyaciye bituma ikibuga c’indege mpuzamakungu kihegereye gica gihagarikwa kwakira indege.

Ikigo kijejwe impanuka ziterwa n’amakuba kivuga ko agace kabamwo abantu ka ka El Rodeo kapfukiriwe n’iminyota hamwe n’ubuyi bw’amabuye bwasheshwe n’ico kirunga.

Abajejwe gutabara ntibarashobora gushika mu bigwati vyakozweko kandi ibimenyeshamakuru vyaho bivuga ko bishoboka ko abantu bashika ijana boba bahasize ubuzima.

Iradiyo y’abongereza BBC, ivuga ko ibikorwa vyo gutabara vyasubiye gutangura.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.