Hagiye gushirwaho ikigo c’igihugu ciga ibibazo vy’abakorerabushake

Yanditswe na Oscar NDAYISHIMIYE
Kuya 4 avril 2018 saa 04:02
6870
0 0

Umushikiranganji w’urwaruka , inkino n’imicokama, amenyesha ko hagiye gushirwaho ikigo c’igihugu kizokwiga kikongera kikagenzura ibibazo vyose bizoboneka mu bakora ibikorwa vy’ukwitanga mu Burundi.

Asigura imbere y’abashingamateka ibiri mu nteguro y’itegeko rigenga ishirwaho ry’urwego rw’abakora ibikorwa vy’ukwitanga mu Burundi, kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 4 Ndamukiza 2018, umushikiranganji Jean Bosco HITIMANA yavuze ko iryo tegeko rije gufasha, kugira abakorerabushake baronke amategeko abagenga narirya mu gihugu basanzwe bariho ata mategeko abagenga, nko mu bindi bihugu vya Afrika.

Ku kibazo c’abashingamateka ku bijanye n’ingorane abakorerabushake bahura nazo mu kazi, nko gukomereka canke kudahembwa n’ibindi, mu gihe bizwi ko batemewe nk’abakozi, Jean Bosco HITIMANA, yamenyesheje ko hagiye gushingwa umurwi w’igihugu uzoza uriga ivyo bibazo vyose uzobaho kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu.

Umushikiranganji, Jean Bosco HITIMANA, amenyesha kandi ko bivanye nuko hari urwaruka ruheza za kaminuza rufise imyaka 35 igenewe kwita urwaruka, bongeyeko imyaka 3 ari nayo isanzwe izwi mugukorera mubwitange, ikazoca iba 38.

JPEG - 33.9 ko
Jean Bosco HITIMANA, Umushikiranganji w’urwaruka, inkino n’imico kama

Abakorerabushake 504 bari mu mashirahamwe, mu ntara za Bujumbura, Gitega na Ngozi nibo bari basanzwe bazwi nk’akarorero n’ubushikiranganji bw’urwaruka, inkino, n’imico kama, bakaba bagenewe akarusho k’ibihumbi 60 bagaca batora ibihumbi 55 ayandi asigaye bakayabashirira mu mashirahamwe yabo yo kwiteza imbere.

Integuro y’ibwirizwa rigenga ishingwa ry’urwego rw’igihugu rw’abakora ibikorwa vy’ukwitanga mu Burundi, yemejwe n’abashingamateka 102 bitavye ibikorwa vy’inama nshingamateka.


Kumenyekanisha

1
Nduwamahoro Patrice 5-04-2018 à 08:27

Abo Bakorerabushake Boba Biyandikishiriza Hehe ?

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha