Inyuma y’urugendo rw’iminsi itatu mu Burundi, Robert Jan Siegert yavuze ko yanezerewe no kugendera Uburundi, kandi yaje kugira ashobore gutegera, gusumba uko yahora, ibibazo bijanye n’iki gihe kugira bazoshobore gushigikira ingoga abarundi bagira mu gutorera umuti ingorane zabo.
Robert Jan Siegert yavuze ariko ko naho hari utwigoro dukorwa ku mpande zitandukanye, hari n’impungenge mu bijanye n’ingorane z’ubutunzi, n’ukudahana ivyaha biremereye.
Ku bijanye n’amasezerano ya Arusha, iyo ntumwa idasanzwe y’ingoma y’Ubuhorande mu karere k’ibiyaga binini yavuze ko, bategera neza ko amasezerano ya Arusha ari umushinge w’akazoza k’Uburundi karama, kandi ko inzira urubuga rwa poritike rwagutse ari ibiganiro bihagarikiwe n’umuryango wa Afrika y’Ubuseruko EAC.
Robert Jan Siegert yavuze ko naho hari ingorane, Ubuhorande bwiyemeje kuguma bufasha abarundi kandi burondera inzira yo gushigikira Uburundi mu ngendo yo kuronderera ibibazo bihari inyishu irama.
- Robert Jan Siegert, intumwa idasanzwe y’Ingoma y’Ubuhorande mu karere k’ibiyaga binini
Robert Jan Siegert yagenwe nk’intumwa idasanzwe y’Ingoma y’Ubuhorande mu karere k’ibiyaga binini mu kwezi kwa Munyonyo 2017, akaba yari mu rugendo mu Burundi, kuva kuwa mbere igenekerezo rya 5 gushika kur’uno wa gatatu igenekerezo rya 7 Ruhuhuma.
Bitegekanijwe ko Robert Jan Siegert aca abandaniriza urugendo mu gihugu ca Tanzaniya.
ndamwipfurije urugendo rwiza umukama amuhezagire ntazamere nkababandi bavuga uko uburundi butari nyabuna aravuga uko yabusanze vyoba vyiza ,muhezagirwe.