Accueil > Amakuru > u Burundi > ’’Hari ibiteye impungenge mu vyerekeye urubuga rwa poritike.’’
’’Hari ibiteye impungenge mu vyerekeye urubuga rwa poritike.’’
mercredi 7 février 2018
Inyuma y’urugendo rw’iminsi itatu mu Burundi, Robert Jan Siegert yavuze ko yanezerewe no kugendera Uburundi, kandi yaje kugira ashobore gutegera, gusumba uko yahora, ibibazo bijanye n’iki gihe kugira bazoshobore gushigikira ingoga abarundi bagira mu gutorera umuti ingorane zabo.
Robert Jan Siegert yavuze ariko ko naho hari utwigoro dukorwa ku mpande zitandukanye, hari n’impungenge mu bijanye n’ingorane z’ubutunzi, n’ukudahana ivyaha biremereye.
Ku bijanye n’amasezerano ya Arusha, iyo ntumwa idasanzwe y’ingoma y’Ubuhorande mu karere k’ibiyaga binini yavuze ko, bategera neza ko amasezerano ya Arusha ari umushinge w’akazoza k’Uburundi karama, kandi ko inzira urubuga rwa poritike rwagutse ari ibiganiro bihagarikiwe n’umuryango wa Afrika y’Ubuseruko EAC.
Robert Jan Siegert yavuze ko naho hari ingorane, Ubuhorande bwiyemeje kuguma bufasha abarundi kandi burondera inzira yo gushigikira Uburundi mu ngendo yo kuronderera ibibazo bihari inyishu irama.
- Robert Jan Siegert, intumwa idasanzwe y’Ingoma y’Ubuhorande mu karere k’ibiyaga binini
Robert Jan Siegert yagenwe nk’intumwa idasanzwe y’Ingoma y’Ubuhorande mu karere k’ibiyaga binini mu kwezi kwa Munyonyo 2017, akaba yari mu rugendo mu Burundi, kuva kuwa mbere igenekerezo rya 5 gushika kur’uno wa gatatu igenekerezo rya 7 Ruhuhuma.
Bitegekanijwe ko Robert Jan Siegert aca abandaniriza urugendo mu gihugu ca Tanzaniya.
MUGISHA Van Naris
Messages
8 février 2018, 09:06, par eric
ces blancs sont malades !!VRAIMENT il est temps que les noirs ouvrent les yeux. Tout blanc qui vient parle de respect d’arusha accord comme prealable pour l’aide !!comme si il ne peut pas avoir un autre accord mieux que accord d’arusha.!! encore blancs demandend negociations !!!
8 février 2018, 09:51, par NIYUNGEKO ALEX
NIVYIZA KO MUBONA INTAMBWE UBURUNDI BUGEZEKO KAND ATANINFASHANYO ZABANYABURAYA TUKIRONKA .UBURUNDI NIGIHUGU CIZA NAHO ARI GITO UWUCIKUYEKO AZOKWICUZA NIVYIZA KO ISI YOSE YOKUNDA UBURUNDI
8 février 2018, 14:25, par j.bosco
abarundi tumuhaye ikaze
11 février 2018, 11:58, par ernest mukamarakiza.
ndamwipfurije urugendo rwiza umukama amuhezagire ntazamere nkababandi bavuga uko uburundi butari nyabuna aravuga uko yabusanze vyoba vyiza ,muhezagirwe.