Saisissez un nom à identifier :
Déplacez les coins de la case ci-dessus pour recadrer votre nouvelle photo du profil.
Sauvegarde de votre nouvelle photo de profil

#Burundi Umuririmvyi #Mkombozi yaraye asohoye indirimbo idasanzwe "Papa Nzeyimana", aho yerekana abi y'ubutware bwa Prezida Nkurunziza atarinze kumuvuga mw'izina "Inkuru itari nziza" ; arongera kandi agashimika ku magogwa y'akarenganyo, ubwicanyi n'ubukene abarundi barimwo "Mu nda ntakiriyo nka cercueil ya Guillaume". Amajambo akomeye cane avanze n'ivyavuzwe n'intwari zacu Rwagasore na Ndadaye. Ni...baza ko runo ruririmbo ruzokomera cane nka #RekuraIyoNtama rwa Lions Story.
Ariko rero urwo ruririmbo rurica ikirundi mu kukivanga rwose n'amajambo y'igifaransa, icongereza n'igiswahili nkuko vyeze mu mvugo y'abategetsi b'ubu cane cane kwa Prezida Nkurunziza no mu nama nshingamateka.

Ndakeje rwose Mkombozi, nkababazwa n'ibihe bigoye arimwo, kubona ategerezwa kuba mu mahanga azira umwuga n'ivyiyumviro vyiwe. Abahinga nkaba bakwiye gushikirwa cane, ni iteka ku gihugu.

Uduce tumwe tumwe:

"Présidence si parking y'ingendo za buri musi...
Présidence si parquet yo gucira imanza abagabo mutavuga rumwe,...

Inkuru itari nziza kuri jewe si inkuru, kuko umutwe utagira ubwenge uruhisha amaguru,...

Gutwara ni ukwiruka, si ku mupira gusa, wirukange ku butungane, wirukanze ubukene, nti wirukanze abo bagabo ubona mutavuga rumwe...

Nimba wizera, wizere Imana ntuyikinishe n'amasengesho fake nk'umushatsi w'ama mèches, ntuzodufuke amaso n'ukwirigwa mu masengero...

Ukunde kandi wubahe ibwirizwa shingiro, uryandike mu mutima ntiwizere impapuro,

Ufate impuzu zera wambike aba patriotes buzuye mu Mpimba kubera ivyiyumviro vya politike,...

Ntuzokwubake ama stades nk'uwiteguriye coupe du monde ata mahinguriro dufise, n'urushinge ruva hanze...

Nta gihugu na kimwe kw'isi gikenye, ivyiyumviro vy'abagitwara nivyo biba bikenye...

Nimba Ndadaye yari umutware wewe uri umuki, nimba yari incungu wewe ubuze iki?...

Ntuzokwiyumvire ico uzokwunguka ku Burundi ariko wiyumvire ico Uburundi buzunguka kuri wewe,
Ntuzorwanye imyiyerekano kuko hari ico ikubwira..."

Mushobora kuronka iyo ndirimbo muciye kuri Youtube sur http://youtu.be/W_AlcZLcnpg
Afficher la suite
· · Partager · 20 min