IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > BCB : Ababikuza amafaranga ni bene ububiko gusa

BCB : Ababikuza amafaranga ni bene ububiko gusa

mardi 28 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Ibanki y’ubudandaji BCB (Banque Commerciale de Burundi) iheruka gufata ingingo ko ata muntu n’umwe azosubira kuronswa amafaranga akoresheje "Cheque" yahawe n’uwundi muntu. Abarekuriwe kubikuza amafaranga akaba ari bene ububiko gusa (Titulaire), iyo ngingo ikazohinduka igihe kitamenyeshejwe, ariko kizoshikirizwa n’iyo banki nyene.

Nk’uko tubikura mu rwandiko rwasohowe na Reverien NTIBARAKE ajejwe kumenyesha amakuru mw’ibanki BCB, iyo ngingo yafashwe bitewe n’ubusuma (Braquage) bwakozwe ku modoka yariko yunguruza ama "Chequiers" ya BCB n’ay’izindi banki.

Muri BCB bakamenyesha ko iyo ngingo yafashwe mu ntumbero y’ukwongereza umutekano w’ububiko bw’amafaranga y’abanywanyi babo.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.