Mu ntara 18 zigize igihugu, ibiharuro mfatakibanza bimaze kuboneka, n’uko mu makomine agize intara zitandukanye Ego yatowe ku majwi aza imbere y’amajwi ya Oya.
Nko mu gisagara ca Bujumbura bimeze uku : EGO : 53,09% OYA : 44%
Mu ntara ya Bururi bimeze uku : EGO:51,96% OYA : 33,39%
Mu ntara ya Muyinga bimeze uku : EGO :79,08%, OYA :10,67%
Mu makomine atandukanye, abajejwe gutunganya amatora bamenyesheje ko bagize ikibazo co kwiyunguruza, aho imodoka zagira ibibazo, ahandi naho amabarabara kubera atameze neza bigatuma ibikoresho bigorana gushika ku biro vy’imirwi itegura amatora mu makomine.
inyuma y’amatora, Pierre Claver Ndayicariye, arongoye umurwi CENI yamenyesheje ko ibitagenze neza mu matora vyabaye bike cane, kandi ata kinini bishobora guhindura ku bizova mu matora.
Mwomenya ko ayo matora y’ibwirizwa nshingiro yabaye kur’uno wa kane, yatanguye isaha icumi na zibiri z’igitondo, arangira isaha icumi z’umugoroba.
IZINDI NKURU ZIJANYE N'IYI |
![]() Michel KAFANDO asaba abanyeporitike b’Uburundi gutorera hamwe ibibazo vy’igihugu
13.09.2018 |
![]() Umurwi CENI watanze icegaranyo c’ivyavuye mu matora y’ibwirizwa nshingiro imbere y’inama nshingamateka
26.06.2018 |
![]() Umuhuza w’abarundi asabwa gufasha mw’ishirwako umukono ry’ivyavuye mu biganiro i Arusha
18.06.2018 |
![]() Umugambwe CNDD-FDD urashima ivyashikirijwe n’umukuru w’igihugu
15.06.2018 |
![]() Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka zatanguye kwisunga ibwirizwa nshingiro rishasha
12.06.2018 |
SOMA IZINDI NKURU MURI "Poritike"... |
Andika hanokuvyukuri.ibivuye.mumatora nivyo twashaka kuko turikukiye.ubwambere kumpamvu y uko ivyotwahora dufise vyarivyo abazungu baduhaye none.twabasubije.ivyabo ubutwinjiye inzu nshasha.yacu twiyubakiye.burundi ooooye
Imana yaraye ibikoze twikurako abazungu turikukira burundu mu hutegura amatora mu mahoro n’umutekano ntangere. Ivyo twaraye dukoze vyerekanye ubutwari bw’abarundi mu kwitunganiriza ivyabo nakare akimuhana kaza imvura ihise. Ego yatsinze, abarundi ni muze twubakire hamwe igihugu. Mukomere mwese.
twifurije abaashinga ntahe guhitamo neza murakoze
Vyagenzeneza,turashimwe,mugabobongereze,umutekano,abantu,ntibazebari,ncwankihene