Accueil > Amakuru > umutekano > Ibikoresho vy’inyubakwa "Maison Shalom" ya Maragarita BARANKITSE bibandanya (...)
Ibikoresho vy’inyubakwa "Maison Shalom" ya Maragarita BARANKITSE bibandanya kwibwa
vendredi 13 Ndamukiza 2018, par
Iyo miryango yafashwe n’igiporisi yari yibwe n’abantu batatu bateshejwe n’abaporisi bariko barakizura, mu bucagucagu bwo kuri uwu wa gatanu, nk’igihe c’isaha cumi z’ijoro.
Nk’uko bivugwa n’igiporisi, abo basuma babonye abaporisi baciye bata hasi ivyo bari bivye bigizwe n’imiryango itatu y’icuma, baca bariruka.
Abaporisi bagerageje gukurikirana aho iyo miryango yibwe, basanze ari iyo miryango ari iyari yabomowe ku kigo "Maison Shalom" mu ntara ya Ruyigi. Mu giporisi bamenyesha ko amatohoza yatanguye kugira abari bivye iyo miryango bafatwe.
Tubibutse ko ku munsi wa mbere, igiporisi c’Uburundi cari camenyesheje ko cahagaritse, ku murwa mukuru w’intara ya Ruyigi, abantu batatu bariko babomora inyubakwa z’ikigo "Maison Shalom".

N’amwe mu mabati asakaye ico kigo yari yibwe nayo nyene yarafashwe n’igiporisi c’Uburundi kuri uwo munsi wa mbere.
Maragarita BARANKITSE, umukuru w’ikigo "Maison Shalom" ari mu batashigikiye ugusubira kwitoza kw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, ubu akaba ari mu buhungiro kuva mu mwaka w’2015. Uwo yari yuguruye ikigo n’ibitaro bifasha impfuvyi ari kandi ku rutonde rw’abarundi baronderwa n’ubutungane, bagirizwa ko bagize uruhara mu gushaka gutembagaza ubutegetsi bw’Uburundi kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015.
Egide NDUWIMANA
Messages
13 Ndamukiza 2018, 19:16, par Silas
Jembona,hakwiye Ikirindiro Kuko,vyarenze,inkombe
15 Ndamukiza 2018, 07:07, par Pasco
Ko Yasize Ahataye,abashonji Nabo Bararwiriye.....