Ibikoresho vy’ukwubaka urugomero rwa Mpanda vyafatiwe i Muramvya

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 10 juillet 2017 saa 12:45
Yasomwe : 16245
0 0

Ibikoresho vyo kwubaka vyibwe ku rugomero rwo ku Mpanda vyari vyibwe vyafatiwe i Muramvya muri komine Bukeye, ku musozi Rwantsinda, kuri uwu w’Imana, nk’uko bivugwa n’igiporisi.

Mu giporisi bavuga ko bafadikanije n’abakozi bigendereza hamwe n’abajejwe intwaro, bafashe ivyo bikoresho vyo kwubaka vyari vyibwe ku rugomero rwo ku Mpanda vyafatiwe aho i Muramvya mu bikorwa vy’ugusaka.

Bimwe muri ivyo bikoresho vyafashwe ni ivyuma bikoreshwa mu kwubaka (fer a beton) 29, amatiyo 31, hamwe n’ibindi.

Mu giporisi bavuga ko matohoza akabindanya kurubwo busuma bwabaye.


Kumenyekanisha

1
ANDRE NDUWIMANA 11-07-2017 à 19:11

Ibi bintu biragoye gutahura :
- Vyashitse Bukeye gute ?
- Vyazanywe na nde ?
- Bigiye he ?

2
BUSURAHENDE 11-07-2017 à 13:23

Biragoye kwemera ! Amatuyo yaheze niyo bakoresha mu kubaka urugomero ry’umuyagankuba ?

3
###### 11-07-2017 à 13:03
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha