IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fariouz > inkuru > Icuka si ciza hagati y’abaririmvyi Happy Famba na Fizzo

Icuka si ciza hagati y’abaririmvyi Happy Famba na Fizzo

jeudi 12 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Intandaro yo kutavuga rumwe hagati y’abaririmvyi Happy Famba na Big Fizzo ni urukino rwahuje abaririmvyi n’abamenyeshamakuru rwabaye mu kwezi kw’icenda. Imbere y’uko urwo rukino ruba, Happy Famba yarondeye umwambaro w’abakinyi (Abaririmvyi). Inyuma y’urukino, umuririmvyi wese yategerezwa gusubiza umwambaro yahawe.

Happy Famba yabwiye IGIHE ko abaririmvyi bose basubije imyambaro kiretse uwa Fizzo. Niko Famba akarondera Fizzo hasi hejuru, biciye mu kumutelefona no kumwandikira ubutumwa bugufi (sms), eka no gusanga ku muhana bamwe mu begereye uwo muririmvyi yiyita "Bantu Bwoy". Famba abandanya avuga ko inyuma y’indwi zitatu ariho yamenya ko umupira baciye bawandikako izina rya Fizzo kandi bitari birekuwe.

Raissa, umwe mu batanga amakuru kwa Fizzo nawe ayagira IGIHE ko yaziga ko ikibazo caheze narirya yasubije umwambaro, akawihera Famba ubwiwe kandi yafuse izina rya Fizzo nk’uko yari yabitegetse.

Kuri ico, Famba avuga ko umwambaro wamaze kwononekara narirya bawumaranye igihe kinini. Ikindi avuga, ni uko bica bisabwa ko agura umwambaro wose w’abakinyi kuko ataho bogurira umwambaro umwe, narirya uwo mwambaro wari wavuye i Dubai. Famba avuga ko agiye gusohora inoti y’ibihumbi amajana atanu kugira asubize umwambaro ukwiye mwenewo.

Raissa arongera akavuga ko Famba atari gutwara ikibazo mu bimenyeshamakuru aho bari kubiheza. Ikindi avuga n’uko ivyo bibazo atigeze ubimubwira igihe, yamushira uwo mwambaro. Akabona ko Happy Famba yoba ashaka kuvugwa cane.

Tubamenyeshe ko uwo mupira Fizzo yanditseko izina ryiwe wari ufise inomero icenda (9). Iyo numero ikaba muri kahise k’umupira w’amaguru, yambarwa n’umukinyi rurangiranwa, aho tukabaha akarorero ka Ronaldo Luís Nazário de Lima wo mu murwi nserukira gihugu wa Bresil yabiciye bigacika.


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.