Igihugu c’Ubuswise gisaba impande zose mu Burundi gusubira mu biganiro

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 16 mai 2018 saa 08:40
Yasomwe :
0 0

Igihugu c’Ubuswise kimenyesha ko gitewe amakenga n’ibihe vyegereje amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro mu Burundi. Ico gihugu gihamagarira impande zose gusubira mu biganiro mu ntumbero yo kuguma bubahiriza amasezerano y’amahoro y’i Arusha.

Nk’uko biri mw’itangazo ry’igisata kijejwe imigenderanire ya Swise n’ibindi bihugu, amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro agiye kuba mu gihe hari abaterwa ubwoba n’uruhagarara mu vya poritike, kandi ata biganiro vya poritike bihari hagati y’abarundi basanzwe n’abanyeporitike.

Muri iryo tangazo, igihugu c’Ubuswise cemeza ko cemera ubwigenge bw’Uburundi mu bijanye n’amatora n’amategeko, ariko kikamenyesha ko kidashimishwa n’uko ibwirizwa nshingiro rishasha ryagiye ahabona ritevye.

Igihugu c’Ubuswise kimenyesha ko ihagarikwa ry’amaradiyo BBC n’ijwi rya Amerika VOA, ikurikiranwa ry’abamenyeshamakuru mu mwuga bakora, ihagarikwa hadakurikijwe amategeko, ibihano bikomeye bihabwa abaharanira agateka ka zina muntu, hamwe n’ikomezwa ry’amategeko mpanavyaha, vyerekana ukugabanuka kw’ubwigenge nyamukuru mu Burundi.

Nk’igihugu cashigikiye amaserano ya Arusha, Ubuswise buhamagarira abategetsi b’Uburundi kwubaha ayo masezerano mu mpande zose, kuko yari yafashije igihugu kuronka amahoro, abera kandi akarorero ibindi bihugu.

Igihugu kirangiza ciyamiriza ubwicanyi bwabereye ku mutumba Ruhagarika, komine Buganda, intara ya Cibitoke, kigasaba abategetsi gukora amatohoza yigenga kuri ubwo bwicanyi.


Kumenyekanisha

1
MUZUMIRWA 17-05-2018 à 19:36

MUZUMIRWA

2
Claude 16-05-2018 à 20:08

Nibatuveko Dutungany Ivyacu

3
Wilfred. 16-05-2018 à 12:49

Yemwe banyeporitike mureke guhendwa nabazungu nimutahe muje tubahe akazi ijambo nitwebwe abanyagihugu turifise. Tuzinduka gutora ibwirizwashingiro apana ryi Arusha tuzinduka kwemeza ivyotwatumye indongozi zacu twitoreye. tukeneye Umutekano Amahoro ni Terambere ejo mugatondo ni EGO. nayo abakoze burya bwicanyi abizicuza imbere y’UHORAHO.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha