IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Mu makungu > Igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika cikuye mu murwi wa Onu ujejwe (...)

Igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika cikuye mu murwi wa Onu ujejwe ivy’agateka ka zina muntu

Wednesday 20 June 2018, by vianney

Nikki Haley aserukira Reta zunze Ubumwe za Amerika mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yavuze ko uwo murwi ujejwe ivy’agateka ka zina muntu ugizwe n’abantu b’indyarya kandi bakora akazi bajejwe ku nyungu zabo.

Abakwirikiranira hafi ibijanye n’agateka ka zina muntu, bamenyesha ko kubona Amerika ivuye mur’uwo murwi wa ONU bizobangamira ibikorwa vyo kugenzura no gutorera inyishu ibibazo vyo kutubahiriza agateka ka zina muntu kw’isi.

António Guterres asanzwe ari umunyamabanga mukuru wa ONU yamenyesheje ko vyari kumuryohera igihugu ca Reta zunze Ubumwe za Amerika kibandanije kiri mur’uwo murwi.

Zeid Ra’ad Al Hussein asanzwe akora mur’uwo murwi yamenyesheje ko ari umubabaro kuribo ariko bidatangaje.

Vianney BIKORIMANA

Forum posts

  • Zeid Ra ad Al Hussein, urimubatumye America ivamwo kuko America yarakurikiranye ariyama raporo wazuratanga kuburundi yibinyoma iga angara! Kandikabona abakurongoye ntacobagukoze noneho America icibona kwivyiryoshirahsmwe rivuga koriharanira agatekakazinamuntu kwatarico kwahubwo mwikorera politique gusa zibihungu bimwebimwe niharambe US.

Any message or comments?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.