Accueil > Amakuru > umutekano > Igiporisi c’Uburundi cerekanya abagirizwa guhungabanya umutekano (...)
Igiporisi c’Uburundi cerekanya abagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu
jeudi 29 Ruheshi 2017
Abo berekanywe ni Anyande Wange na Joffaly Kevelance bava mu gihugu ca Kenya, hamwe na ZIGIYIMANA Pierre yazana abo banyakenya, BIMENYIMANA Yves akora mu gisata co kubika amafaranga mw’ishirahamwe ryo kuziganya MUTEC na NDAYITWAYEKO Augustin akora mw’ibanki Nkuru y’Igihugu, mu gisata kibika amafaranga y’agaciro.

Mu giporisi bavuga ko bafatanywe amafaranga y’amarundi yababa ibihumbi ijana, amadorare y’abanyamerika ibihumbi 23, amashiringi 70 yo mu gihugu ca Kenya, amafaranga 5000 vy’amanyarwanda, hamwe n’ibingorongoro bikoreshwa mu bihugu bitandukanye.

Umuvugizi w’igiporisi Pierre NKURIKIYE yavuze ko babiri mu bafashwe bava mu gihugu ca Kenya, bagirizwa ko aribo baza bakegeranya amafaranga mato mato y’amarundi, hamwe n’amafaranga y’agaciro, bakayajana mu bindi bihugu kugira umutekano w’ubutunzi bw’igihugu uhungabane.
- Pierre NKURIKIYE,Umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi
Pierre NKURIKIYE yavuze ababibatuma n’intumbero baba bafise igihe baje kwegeranya amafaranga mato mato hamwe n’amafaranga y’agaciro.
« Ni igikorwa c’umwansi w’Uburundi kibandanya, bagarutse n’ubundi buhinga bwo guhungabanya igihugu babicishije mu gutwara amafaranga y’agaciro. Ku mafaranga mato mato ni mu ntumbero yo kugira abanyagihugu bato bato bayabure, kuko iyo amafaranga mato mato adahari bituma ibidandazwa bica biduza ibiciro.»
Umuvugizi w’igiporisi asaba abatwara amabanki gukurikirana abakozi babo, kuko hashobora kuba harimwo abansi b’igihugu.
Pierre NKURIKIYE atera akamo abanyagihugu kwama bari maso, kuko umwansi w’igihugu atari umwansi w’abategetsi gusa, agasaba umuntu wese bobona ariko yegeranya amafaranga mato mato guca abimenyesha abajejwe umutekano.
Abo bafashwe bagiye guca bakorerwa amadosiye kugira bashikirizwe ubutungane, nk’uko mu giporisi babimenyesha.
MUGISHA Van Naris
Messages
30 Ruheshi 2017, 16:36, par BANZUBAZE
BAKINDA BAGARAMYE CANKE BACURITSE NTANTAMBWE BAZOTERA BACA MUKUZIMU CANKE HEJURU YABA MUMUYAGA TWARAHAMENYE HOSE
30 Ruheshi 2017, 22:35, par VICTOIR
wewe uvuga ivyo gukinda warapfuye ugenda
1er Mukakaro 2017, 06:00, par amiri
ni kuki ari abatutsi?
4 Mukakaro 2017, 07:12, par vyenyagu
nigitoro cari cabuze kubera abatovyi bakigura bakaja kukinyegeza ahatazwi