Accueil > Amakuru > umutekano > Igiporisi c’Uburundi cerekanye uwagirizwa ubusuma bw’imodoka
Igiporisi c’Uburundi cerekanye uwagirizwa ubusuma bw’imodoka
mardi 9 janvier 2018
Umuvugizi w’igiporisic’Uburundi Pierre NKURIKIYE amenyesha ko uwo musuma KWIZERA Jean Bosco yafatiwe mu bunywero buri hafi y’ibitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE, inyuma yaho hari umuntu yibwe imodoka mu mwaka wa 2014 abonye imodoka isa nayo aca abimenyesha abajejwe umutekano ariho iyo modoka yaca ifatwa.
Pierre NKURIKIYE avuga ko inyuma y’imisi mike iyo modoka ifashwe ,haciye hafatwa iyindi modoka ifise imparati nk’imwe ya mbere yafatwa ,mu nyuma bene kuzifatanwa bamenyesha abajejwe umutekano ko baziguriye umuntu umwe,ariwe KWIZERA Jean Bosco.
Umuvugizi w’igiporisi amenyesha ko, igiporisi cahavuye kija gusaka aho KWIZERA Jean Bosco yari asanzwe aba mw’ihoteri yitwa Welcome Hotel muri zone Musaga ,bahatora sanze ibintu bitandukaye vyibwe n’uyo musuma, harimwo n’amakarata karangamuntu,urupapuro rw’inzira PASSPORT,amakarata yo mu mabanke akoreshwa mu kubikuza amafaranga, Visa,ikarata y’umuyangihugu w’umufarasa hamwe n’impfunguruzo zibiri zugura imiduga itandukanye uyo musuma yakoresha mu kwiba.
Tubibutseko KWIZERA Jean Bosco atari irya mbere afatwa yagirizwa ubusuma bw’imodoka,mu kwezi kwa 6 mu mwaka wa 2016 akaba yafashwe yagirizwa kwiba imodoka 7.
BIKORIMANA Vianney
Messages
9 janvier 2018, 15:44, par Deo
Ivyobintu nibitera Soni kuberiki igiporisi citanga mugufata abagizi banabi hama mubutungane naho bagaca babarekura
9 janvier 2018, 15:44, par Deo
Ivyobintu nibitera Soni kuberiki igiporisi citanga mugufata abagizi banabi hama mubutungane naho bagaca babarekura
9 janvier 2018, 16:17, par Aristide Noris
Chapeau à la PNB. Ni mugume kukivi umuntu arye utwo yabiriye akuya.
10 janvier 2018, 09:43, par Hope Justin Sibomana
Nimubaze Neza Abo Bikorana
13 janvier 2018, 09:52, par lg
Abo basuma,mujye mwerekana mu maso b a menyekane
13 janvier 2018, 14:52, par Niyukuri
Kuki igipolisi kimwerekana namwe ntimumwerekane ?