IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Igiporisi c’Uburundi cerekanye uwagirizwa ubusuma bw’imodoka

Igiporisi c’Uburundi cerekanye uwagirizwa ubusuma bw’imodoka

mardi 9 janvier 2018

Umuvugizi w’igiporisic’Uburundi Pierre NKURIKIYE amenyesha ko uwo musuma KWIZERA Jean Bosco yafatiwe mu bunywero buri hafi y’ibitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE, inyuma yaho hari umuntu yibwe imodoka mu mwaka wa 2014 abonye imodoka isa nayo aca abimenyesha abajejwe umutekano ariho iyo modoka yaca ifatwa.

Pierre NKURIKIYE avuga ko inyuma y’imisi mike iyo modoka ifashwe ,haciye hafatwa iyindi modoka ifise imparati nk’imwe ya mbere yafatwa ,mu nyuma bene kuzifatanwa bamenyesha abajejwe umutekano ko baziguriye umuntu umwe,ariwe KWIZERA Jean Bosco.

Umuvugizi w’igiporisi amenyesha ko, igiporisi cahavuye kija gusaka aho KWIZERA Jean Bosco yari asanzwe aba mw’ihoteri yitwa Welcome Hotel muri zone Musaga ,bahatora sanze ibintu bitandukaye vyibwe n’uyo musuma, harimwo n’amakarata karangamuntu,urupapuro rw’inzira PASSPORT,amakarata yo mu mabanke akoreshwa mu kubikuza amafaranga, Visa,ikarata y’umuyangihugu w’umufarasa hamwe n’impfunguruzo zibiri zugura imiduga itandukanye uyo musuma yakoresha mu kwiba.

Tubibutseko KWIZERA Jean Bosco atari irya mbere afatwa yagirizwa ubusuma bw’imodoka,mu kwezi kwa 6 mu mwaka wa 2016 akaba yafashwe yagirizwa kwiba imodoka 7.


BIKORIMANA Vianney

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.