Igisata kijejwe kudandaza igitoro kirahumuriza ko igitoro kigiye kuboneka

Yanditswe na Huguette NKURUNZIZA
Kuya 4 Gitugutu 2017 saa 01:20
Yasomwe : 9342
0 0

Mu gihe haheze imisi hasubiye kwibonekeza ubukene mu gisata kijejwe kudandaza igitoro, umuyobozi mukuru ajejwe ibijanye n’igitoro amenyesha ko imiduga ishika ijana iri mu nzira iva mu gihugu ca Tanzaniya.

Umukuru w’ico gisata amenyesha ko ibura ry’igitoro ryavuye ku buhinga bushasha “Territoire douanier unique” busigaye bukoreshwa mu bijanye n’urudandazwa muri Africa y’ubuseruko. Uburundi bukaba buherutse gushira igitoro ku rutonde rw’ibidandazwa bitegerezwa kugengwa n’ubwo buhinga.

Ubwo buhinga bukaba bushingiye ku bijanye n’impapuro zituma ibidandazwa biva ku kivuko bigana igihugu co muri Africa y’ubuseruko.

Abadandaza bategerezwa kuronka izo mpapuro aha mu Burundi, izo mpapuro zigaheza zikarungikwa mu gihugu ca Tanzaniya mu gisagara ca Dar-Es Salaam ahasanzwe hari ikivuko.

Ukutamenyera ubwo buhinga n’ukwo guhanahana izo mpapuro ziva mu Burundi zija i Dar Es Salaam vyatumye imiduga yagenewe kuzana igitoro I Dar Es Salaam iteba kugaruka, nk’uko vyemezwa na Daniel MPITABAKANA, umuyobozi mukuru ajejwe ibijanye n’igitoro.

Uwo muyobozi mukuru w’ico gisata akaba ahumuriza abakenera igitoro ko ico kibazo kigiye gutorerwa inyishu.


Kumenyekanisha

1
BUSURAHENDE 5-10-2017 à 03:03

Guhanahana impapuro bisaba ubuhinga ubwahe? Mu Burundi nta ma faxes bakoresha? Impapuro umuntu arashobora kuzirungika akoresheje inyabwonko. Kuri jewe iyo nsiguro ntifashe na gato.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha