IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ikigega gifasha abaririmvyi ku ncuro ya mbere biciye mu gitabu kiriko (...)

Ikigega gifasha abaririmvyi ku ncuro ya mbere biciye mu gitabu kiriko kirandikwa

jeudi 2 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Umuririmvyi Nsengiyumva Minani Felicien batazira Marechal Femi De J’Abat asanzwe aba mu gihugu ca Norvège yatanze ikiganiro ku kinyamakuru IGIHE, asigura igituma yiyumviriye gutanguza uwo mugambi w’ukwandika mu gitabu umuziki w’Uburundi, ico amafaranga azogurwa ico gitabu azokora, hamwe n’imigambi y’iterambere afitiye abaririmvyi b’Uburundi hamwe n’abanyagihugu bafise amikoro make.

IGIHE : Vyagenze gute ngo mwiyumvire kwandika igitabu kivuga ivy’umuziki w’Uburundi?

Nsengiyumva Minani Felicien : Murakoze kumpa ijambo. Mu kirundi c’iwacu bavuga ngo akanyoni katagurutse ntikamenya iyo bweze, kandi ngo ubwenge burarahurwa. Naragize amahirwe nita ubuntu budasanzwe nagiriwe n’Imana bwo kuja mu mahanga mu bihugu bitandukanye aho nashoboye kwibonera ingene umuziki waho wifashe. Ibihugu bibiri Republika iharanira Demokarasi ya Kongo (RDC) hamwe na NORVEGE nivyo biri kw’isonga vyanteye inyota nini cane yo kwandika igitabu c’iwanje kivuga ku muziki w’Uburundi bwanyibarutse ndavye ingene muri ivyo bihugu bitaho cane gose kwandika ibijanye n’umuziki wavyo, ku buryo bushimishije bugirira akamaro kanini ivyo bihugu n’abenegihugu baho.

Intumbero y’ico gitabu ni iyihe ? Mwoba mwaratanguye ?

Ego ndamaze igihe naratanguye kwandika ico gitabo. Ntabwo mfise intumbero imwe y’ico gitabo, ndagifitiye intumbero nyinshi. Nyamukuru novuga ni izi :

1. Guteza imbera umuziki w’Uburundi hamwe n’abenewacu bo mu bwoka bw’Abatwa.

Kubera hari abaririmvyi batari bake banyandikira bansaba kubafasha nanje ntabishoboye neza kumbure.

Kubera ko babona mba i Bulayi bibaza ko noba mfise amahera menshi kandi atariko biri, naciye mfata umugambi wo kwandika igitabu kivuga ku muziki w’Uburundi, mu ntumbero yo kuzokigurisha, maze amahera avuyemwo akazoja guteza imbere ahanini umuziki w’Uburundi. Vuba atari kera tugiye kwuguruza jewe n’umurwi ushigikiye ico gitabo ibigega bibiri vyo kuziganya muma Banki y’Uburundi, kugira abipfuza gushigikira iyandikwa ry’ico gitabo baronke aho bazoyarungika. Igitabu kimaze guhera kigatangura kugurishwa, ivyo bigega bibiri bizogumaho, bizojako amahera avuye muri ico gitabo. Ikigega kimwe kizoba gihariwe gufasha guteza imbere umuziki w’Uburundi n’abaririmvyi b’ Abarundi ahanini bagitangura uwo mwuga bakeneye ubufasha kugira batere intambwe.

Ikindi kigega kizoba kigenewe Ishirahamwe nashinze VONECOVIC rifasha Abarundi bafise amikoro make ahanini benewacu b’Abatwa cane cane abana babo, mu kubagurira ibikoresho vyo kw’ishure, maze bamwe muri bo baheba amashure kubera ubukene bige batere imbere nk’abandi.

2. Kwandika muri ico gitabu abaririmvyi bose b’Abarundi baba mu gihugu cose c’Uburundi canke mu mahanga bavyifuza kukijamwo baba abagitangura uwo mwuga, abawumazemwo igihe canke abakera, tutibagiye n’abatuboneye izuba bamaze kwitaba Imana tutipfuza ko bozimangana mazimayonga, ahubwo tuzokwame tubibuka ibihe vyose muri ico gitabo kizofasha benshi muri vyinshi bakeneye kumenya ibijanye n’umuziki w’uburundi, kuva muri kahise kugeza muri k’ubu.

3. Kwandika muri ico gitabo amazina canke imyidondoro y’abaririmvyi Uburundi bufise n’ibikorwa bibaranga kubafise ivyo baranguye, ababa mu Burundi bose canke mu mahanga. Maze igitigiri cabo cababa ic’ukuri kikamenyekana.

4. Kuronsa igihugu cacu gikenye cane ibitabo vy’umuziki, igitabu ca mbere kidasanzwe c’amateka y’umuziki waco kuva ugitangura kugeza ibihe tugezemwo.

JPEG - 32.2 ko
Umuririmvyi Nsengiyumva Minani Felicien batazira Marechal Femi De J’Aba

Ico gitabu kizoba kiri mu ruhe rurimi ? Kubera iki ?

Ico gitabu kizoba kiri mu rurimi kavukire rw’ikirundi cacu, kubera ko abasomyi kigenewe ubwa mbere na mbere ni Abarundi, ni no gutera iteka ururimi rwacu na cane cane ko kw’isi yose ururimi rw’igihugu cikukiye vy’ukuri rutegerezwa guhabwa ikibanza ca mbere, maze izindi ndimi z’abanyamahanga zigakurikira. Ikirundi kandi nirwo rurimi ruhuza abaririmvyi bose bab’Abarundi aho baherereye mu mihingo itandukanye y’isi. Kuba ari igitabo kivuga umuziki w’ Abarundi nta nkeka ko ari vyiza canditswe ubwa mbere mu rurimi Abarundi bose batahura.

Mwibaza ko kizobatwara amafaranga angana gute? Azova hehe?

Amafaranga azokoreshwa mu kwandika igitabo nk’ico gisaba kwishikira mu ntara zose n’ama Komine yose y’igihugu cacu tutibagiye Abaririmvyi bose b’Abarundi baba mu bihugu bitandukanye vyo kw’isi, ni menshi cane. Ubu muri kino gihe biragoye gutomora neza uko angana, ntituramenya neza igitigiri c’abaririmvyi bazoja muri ico gitabu uko bangana bose, n’ibindi bintu bimwe bimwe. Aho azova naho ubwa mbere ni muri twebwe nyene abaririmvyi igitabu cega. Turiko kandi turayarondera no mu bagira neza boba bashima kino gikorwa bipfuza kubona umuziki w’Uburundi uteye uja imbere, maze n’abaririmvyi b’Abarundi nabo bagatera imbere. Eka na Reta yacu tuzoyisaba kugira ico iduterereye muri kino gikorwa gitera iteka igihugu cacu.

Hari intambamyi mwoba mumaze kubona zibatuma mutabandanya nk’uko mwabishaka ?

Nivyo nta mugambi n’umwe wigera ubura intambamyi, nubwo uba uri mwiza cane. Ku ntango umugambi nk’uyu si abaririmvyi bose bawutahura co kimwe, hariho abawutegera neza kandi bawushigikiye cane, n’abandi bigaragara ko bisaba ko tuzobanza kubasigurira cane kugira batahure. Uko biri kwose, nomenyesha ko ata muririmvyi n’umwe yipfuza kuja muri kino gitabu akwije ibisabwa tutazoshiramwo, cugururiwe abaririmvyi bose baba Abarundi canke abanyamahanga harico baterereye canke n’ubu baterera mu muziki w’Uburundi. Intambamyi nyamukuru ni iy’uburyo, ariyo mafaranga yo kurangura ibikorwa bitandukanye vyaco, ariko turizera ko bizogenda neza, kuko ahari ugushaka haba n’inzira. Imana yampaye ico ciyumviro ciza ku gihugu no kubaririmvyi twese, ntankeka ko ndabibutse ko izoturonsa n’ibikenewe vyose kugira ico gikorwa kiranguke. Nagira menyeshe kandi ko iruhande y’ico gitabo hari ico no kwita mu gifaransa (Documentaire audiovisuel ) y’ico gitabu izokorerwa ica rimwe naco.

Ico gitabu kizozanira abaririmvyi b’Abarundi akahe karusho ?

Ico gitabo kizozanira abaririmvyi b’Abarundi akarusho kanini cani. Abazokwandikwa muri ico bizotuma bamenyekana ku rundi rwego rudasanzwe rw’igihugu, abana babo, abuzukuru n’abuzukuruza babavukako bazomenya ico bamariye igihugu cabo mu ngabirano Imana yabahaye. Amafaranga azova muri ico gitabu igice kinini kizoba kigenewe guteza imbere abaririmvyi muri rusangi. Abaririmvyi bazokimenyeramwo vyinshi cane batari bazi, kumbure n’indirimbo bahora basubiramwo batazi benezo, kizobaha ubumenyi bwo kumenya umuziki w’igihugu cabo ingene watanguye, abawutanguye, n’ibindi bitari bike bipfuza kumenya bakabura inyishu.

Abaririmvyi bashaka kugira ico bashikirije muri ico gitabu basabwa iki ?

Abaririmvyi bashaka kugira ico bashikirije muri ico gitabu, basabwa kutwandika kuri e-mail yacu ariyo : [email protected] canke bakaduhamagara kuri Tel.( Whatsapp ) : 0047-99329851 kugira tubamenyeshe amakuru yose bipfuza kumenya kugira baje muri ico gitabu. Mu minsi iri imbere, tuzobamenyesha uko biriko birategurwa ku buryo buzoborohereza cane.

Mbega kizogurishwa ? Angahe ?

Igitabo kizogurisha mu Burundi bwose no hanze y’igihugu. Igiciro kizomenyekana igihe igitabu kizosohoka ku mugaragaro.

Murafise abariko barabafasha mw’iyandikwa ry’ico gitabu, yaba muvy’uburyo canke ubuhinga?

Ego ndafise umurwi ugizwe n’Abarundi bava mu bisata bitandukanye harimwo n’abaririmvyi, bashigikiye cane ico gikorwa co kwandika ico gitabo. Nkaba mboneyeho n’akaryo ko kubashimira cane bivuye ku mutima kuba baremeye gushigikira iyo ndoto nagize yico gitabo, kugira dushire twese hamwe inguvu n’ubumenyi mu kuronsa abaririmvyi, Abarundi n’abakunzi b’umuziki w’Uburundi ico gitabu c’imbonekarimwe, c’akamaro ntangere ku gihugu cacu. Munkundire ndababwire amazina y’abagize uwo murwi ushigikiye iyandikwa ry’ico gitabu :

1. Niyonkuru Gilbert : Umukuru w’uwo murwi, akaba n’umunyabigega.

2. Simbavimbere Bruno batazira Member : ajejwe kwigisha n’ukumenyekanisha uwo mugambi, akaba n’uwujejwe kwegeranya abaririmvyi b’Abarundi bipfuza kuja muri ico gitabu.

3. Nshimirimana Jean Claude : ajejwe kumenyesha amakuru hamwe n’imigenderanire

4. Nsavye Christian : Umumenyeshamakuru mwishikira, ajejwe kwegeranya amakuru, hamwe n’ibindi vyose bikenewe ku baririmvyi, bizoja muri ico gitabu

5. Nduwimana Egide :ajejwe amakuru yandikwa mu bimenyeshamakuru bitandukanye, ku mbuga ngurukanabumenyi hamwe n’ibindi vyose vyandikwa kuri ico gitabu.

6. Ndayikeze Apollinaire : Umunyamabanga, akaba n’uwujejwe guhinyanyura amasanamu azoja muri ico gitabu.

7. Mpawenimana Djuma Abibu batazira Kook-K : ajejwe kuzokora ikiganiro (Documentaire audiovisuel) y’ico gitabu kivuga umuziki w’Uburundi.

8. Bakundukize Paul-Emile : niwe azoba ahagarariye ico kiganiro kizokorwa ( Réalisateur du Documentaire audiovisuel de l’encyclopédie de la musique burundaise)

9. Sibazuri Marie Louise : Umuhanuzi mukuru w’umwanditsi w’ico gitabu, ajejwe kandi kwegeranya imfashanyo.

10. Nsengiyumva Minani Felicien : Uwatanguje uwo mugambi, umwanditsi w’ico gitabu, akaba n’umuhuzabikorwa w’abazokwandika muri ico gitabu.

JPEG - 141.6 ko
Abagize umurwi ushigikiye iyandikwa ry’ico gitabu kidasanzwe kivuga umuziki w’Uburundi (Encyclopédie de la Musique burundaise)

Mbega ko arico gitabu ca mbere canditswe kivuga umuziki w’Uburundi, hari akamo mufise mutera abajejwe ico gisata muri Reta y’Uburundi?

Ndateye akamo abategetsi bo muri Reta bajejwe igisata c’umuziki mu gihugu cacu kudushigikira mu buryo bushoboka bwose kugira dushobore kurangura neza kino gikorwa c’akamaro kanini ku gihugu cacu.

Umuririmvyi Nsengiyuma Minani Felicien ku batamuzi ni nde ?

Ndi Umuririmvyi w’umurundi, navukiye mu Gasenyi ku musozi Gishingano Zone Nyambuye mu ntara ya Bujumbura rural mu mwaka 1970. Ndafise umuryango ugizwe n’abana 5, Abigeme 2 n’abahungu 3. Tukaba tuba muri kino gihe mu gihugu citwa Norvege. Nkaba ndongoye ishirahamwe ry’abaririmvyi n’abanyatugenegene b’Abarundi baba mu bihugu bigize impande 4 z’isi ryitwa: UNABUDI- Inyenyeri y’Uburundi (Union des artistes Burundais de la Diaspora )


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.