Imirwi ibiri niyo isigaye mw’ihiganwa ry’igikombe citiriwe umukuru w’igihugu

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 25 Ruheshi 2017 saa 08:16
Yasomwe : 8748
0 0

Urukino rugira kabiri rw’imirwi iriko ihiganirwa gushika mu gice ca nyuma c’ihiganwa ry’igikombe citiriwe umukuru w’igihugu rwabaye kuri uwu w’Imana mu ntara ya Gitega. Umurwi wa Olympique Star watsinze ibitsindo bibiri ku busa bwa Muzinga. Uwo murwi uzoca uhura mu gice ca nyuma y’uwatsinze kuri uwu wa gatangatu.

Urukino rw’igice ca kabiri gushira ica nyuma rwabaye kuri uwu gatandatu mu ntara ya Gitega nyene, umurwi wa Messager Ngozi watanye mu mitwe na Athletico Olympique. Muri urwo rukino, Messager Ngozi yinjije ibitsindo bitatu kuri kimwe ca Athletico Olympique.

Imirwi ya Messager Ngozi hamwe na Olympique Star y’i Muyinga niyo izoca ihura mu gice ca nyuma c’ihiganwa ry’igikombe citiriwe umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

Urukino rwa nyuma rw’ihiganwa ry’igikombe c’umukuru w’umukuru w’igihugu ruzoba kw’igenekerezo rya 8 Mukakaro 2017, mu ntara ya Muyinga.


Kumenyekanisha

1
Nsabimana 8-07-2017 à 12:52

olyimpic Stars Izotwara Igikombe Kuko Waritwaye Neza Nomuzindi Nkino

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha