IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Imirwi umunani izokina 1/4 mu gikombe c’umukuru w’igihugu yamenyekanye

Imirwi umunani izokina 1/4 mu gikombe c’umukuru w’igihugu yamenyekanye

jeudi 3 mai 2018

Muri izo nkino z’igice c’umunani gishira ica nyuma, imirwi yo mu cicaro ca mbere Primus Ligue Burundi yarerekanye ko igifise urugero ruri hejuru, ugereranije n’iyindi mirwi iri mu bindi vyicaro, kuko mu nkino zine zabaye imiri itatu yo mu cicaro ca mbere ariyo yatsinze, hamwe n’umwe wo mu cicaro ca kabiri.

Muri rusangi, imirwi yatsindanye uku :

Athletico Olympic 1-2 Musongati Fc
Club Kiremba Bururi 0-1 Muzinga Fc
Burundi Sport Dynamik 5-1 Muramvya City
Messager Ngozi 0-1 Olympic star

Imrwi ine yatsinze mu nkino zo kur’uyu wa gatatu, ica ija hamwe n’imirwi ine yatsinze kuwa kabiri igenekerezo rya 1 Rusama 2018, ikazoca ihurira mu gice ca kane gishira ica nyuma.

Imirwi umunani yose izokina inkino z’igice ca kane gishira ica nyuma ni : Vitalo FC, LLBS4 Afrika, Delta Star, Aigle Noir, Musongati FC, Muzinga FC, Burundi Sport Dynamik na Olympic Star.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.