Moise NKURUNZIZA icegera c’umuvugizi w’igiporisi avuga ko naho batovuga ko ari igihe kidasanzwe canke ko ari nk’ikiza,ubusuma bw’imodoka buhari, ariko imodoka yose yibwe ihagarika umutima abajejwe umutekano.
Icegera c’umuvugizi w’igiporisi avuga ko vyorohera abiba izo modoka mu gihe benezo hari ivyo bakoze bituma infunguruzo z’imodoka zishobora kwiganwa, aho naho akavuga nk’abantu batanga imiduga bakayiha uwariwe wese, abakotesha imodoka canke abazisiga aho zogerezwa.
Moise NKURUNZIZA avuga ko,mu gihe bene imodoka bazisize muri ivyo bibanza hari abaca baja kwigana impfunguruzo, bagakurikirana nyene imodoka aho agiye bakayugurura nkuko ari iyabo.
Icegera c’umuvugizi wigiporisi c’Uburundi nakemeza ko ku bamaze kwitura igiporisi c’uburundi bibwe imodoka, abatari bake imodoka zabo zimaze gufatwa kandi ko n’izindi zishobora gufatwa.
Moise NKURUNZIZA asaba uwokwibwa imodoka ko yoca abimenyesha igiporisi kimwegereye, kugira bayikurikirane hakiri kare.
IZINDI NKURU ZIJANYE N'IYI |
![]() Rumonge: Inzu 31 zasambutse ,umuntu umwe arakomereka inyuma y’imvura yaguye
16.11.2018 |
![]() |
![]() Muramvya :Patiri mukuru wa paruwasi Muramvya yagize isanganya
2.11.2018 |
![]() Rusizi: Ibikoresho bibujijwe mu kuroba vyafashwe
29.10.2018 |
![]() Mairie – Bwiza :Uwitwa Christophe NDAYIKENGURUKIYE yatowe ikiziga
12.10.2018 |
SOMA IZINDI NKURU MURI "umutekano"... |
Nivyiza Benithe