Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
’’Imodoka yose yibwe ihagarika umutima abajejwe umutekano’’ - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > ’’Imodoka yose yibwe ihagarika umutima abajejwe umutekano’’

’’Imodoka yose yibwe ihagarika umutima abajejwe umutekano’’

samedi 6 janvier 2018

Moise NKURUNZIZA icegera c’umuvugizi w’igiporisi avuga ko naho batovuga ko ari igihe kidasanzwe canke ko ari nk’ikiza,ubusuma bw’imodoka buhari, ariko imodoka yose yibwe ihagarika umutima abajejwe umutekano.

Icegera c’umuvugizi w’igiporisi avuga ko vyorohera abiba izo modoka mu gihe benezo hari ivyo bakoze bituma infunguruzo z’imodoka zishobora kwiganwa, aho naho akavuga nk’abantu batanga imiduga bakayiha uwariwe wese, abakotesha imodoka canke abazisiga aho zogerezwa.

Moise NKURUNZIZA avuga ko,mu gihe bene imodoka bazisize muri ivyo bibanza hari abaca baja kwigana impfunguruzo, bagakurikirana nyene imodoka aho agiye bakayugurura nkuko ari iyabo.

JPEG - 67.9 ko
Moise NKURUNZIZA, Icegera c’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

Icegera c’umuvugizi wigiporisi c’Uburundi nakemeza ko ku bamaze kwitura igiporisi c’uburundi bibwe imodoka, abatari bake imodoka zabo zimaze gufatwa kandi ko n’izindi zishobora gufatwa.

Moise NKURUNZIZA asaba uwokwibwa imodoka ko yoca abimenyesha igiporisi kimwegereye, kugira bayikurikirane hakiri kare.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.