Integuro y’itegeko risubiramwo amasezerano y’i Paris yemejwe

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 31 octobre 2017 saa 02:29
Yasomwe : 5724
0 0

Inama nkenguzamateka yize yongera iremeza integuro y’itegeko risubiramwo amasezerano ajanye n’ihindagurika ry’ibihe yiswe « Accord de Paris sur le climat » ,rikazofasha Uburundi gushobora kugwaniriza hamwe n’ibindi bihugu ivyonona ikirere mu kubigabanya gushika k’urugero rwa 2 (2 degres celcius ).

Umushikiranganji w’ibidukikije Celestin Ndayizeye yagiye gusigura iyo nteguro yamenyesheje ko iryo tegeko rizofasha igihugu kugira cifatanye n’ibindi bihugu mu kugabanya ivyuka vyarungikwa mu kirere kugira bizogabanuke gushika nk’i gihe amahinguriro atari bwabe menshi kw’isi.

Celestin Ndayizeye yagize ati : « Ihangiro ry’iri tegeko n’ukugira dushobore kugabanya ubushuhe gushika k’urugero rwa 2 nk’urugero twariko igihe amahinguriro atari bwaze kw’isi. »

Ku bijanye n’imiriro ya nyakanga yibonekeza mu gihugu,uyo mushikiranganji yavuze ko itumwa n’abungere b’ibitungwa barondera uburagiro ,abaturira amashamba kugira bashobore guhiga ibikoko hamwe n’abarimyi baturira amashamba bashaka kuyavogera kugira bayarimemwo.

Umushikiranganji Celestin Ndayizeye yashikirije ko inyigisho zamaze gutangura gutangwa kur’abo bose vyega kugira imiriro ya nyakanga bayigwanye.

Bimwe mu bigize iryo tegeko hariho ibijanye no gutera ibiti,guca imikobeko mu gisata c’uburimyi ,gukingira ibidukikije,kuraba ibijanye n’amasoko ntanganguvu, kurinda amazi hamwe no kurinda imiriro ya nyakanga.

Inama nkenguzamateka yemeje iryo tegeko ijana kw’ijana ku majwi 32 yabakenguzamateka bari bitavye hamwe n’amajwi 5 yabakenguzamateka bari batumye.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha