IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama nkenguzamateka isaba inama nshingamateka ya Buraya kwishikira mu (...)

Inama nkenguzamateka isaba inama nshingamateka ya Buraya kwishikira mu Burundi kuraba uko vyifashe

samedi 2 juin 2018

Mw’ikete umukuru w’inama nkenguzamateka y’Uburundi, Reverien NDIKURIYO, yarungikiye umukuru w’inama nshingamateka ya Buraya ,amenyesha ko bitumvikana kw’ibibazo vyerekeye igihugu muri rusangi hamwe n’amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro vyigwa inzego z’igihugu n’abahabwa ububasha n’ibwirizwa nshingiro batahari.

Reverien NDIKURIYO asaba inama nshingamateka ya Buraya kutabandanya ikorana n’abantu batazi uko igihugu cifashe ubu, kuko vyohava bituma imigenderanire hagati y’inama nkenguzamateka y’Uburundi n’inama nshingamateka ya Buraya itosekara mu gihe yahora imeze neza.

Muri iryo kete, umukuru w’inama nkenguzamateka, Reverien NDIKURIYO, arangiza asaba inama nshingamteka ya Buraya kwishikira mu Burundi kugira bibonere uko vyifashe hamwe no kwibonera ido n’ido y’inkuru z’ibinyoma bica ku mbuga ngurukanabumenyi zitangwa n’abashaka gusambura igihugu.


BIKORIMANA Vianney

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.